USA: Jury Yahamije Donald Trump Ibyaha 34 Yashinjwaga

Uyu ni umushikirizwamanza wa Manhattan Alvin Bragg avugana n'itangazamakuru nyuma y'uko Jury yahamije Trump ivyaha 34 vyose.

Abanyagihugu 12 bagize umurwi wa sentare y’abanyagihugu (Jury) iburanisha Donald Trump I New York bemeje ko uwu yahoze atwara Amerika yagirwa n’ivyaha 34 vyose yari amaze iminsi ariko araburanako.

Ivyaha 34 Donald Trump yariko aburanako bifise imizi ku madorari ibihumbi 130 yahaye umugore akina amareresi y’ibiterasoni azwi cane kw’izina rya Stormy Daniels.

Ayo mafaranga Trump yayatanze mu 2016 nk’igifukamunwa kugira uwo mugore amire amabanga atandukanye arimwo imibonano mpuzabitsina boba barakoranye. Ubutungane bufata ico gifukamunwa nka bimwe mu bikoresho Donald Trump yakoresheje kugira ayovye amatora yamushikanye ku butegetsi.

Trump amaze kwumva ko yagirtwe n’ivyaha vyose uko ari 34, yarabanye agasuzuguro abagize umurwi wamuburanishije, asohotse aca abwira abamenyeshamakuru bari hanze ati: "Ibi ni ibiterasoni. Uru rubanza rwari rwuzuyemwo amanyanga yatewe n’umucamanza yariye ibiturire. Urubanza nemera, ni urubanza ruzocibwa n’abanyagihugu ku igenekerezo rya gatanu ukwezi kwa cumi na rimwe, umunsi wo gutora. Jewe, ndera.”

Donald Trump abaye uwa mbere wigeze kuba prezida w’Amerika yagiriwe n’ivyaha bihanishwa umunyororo. Ashobora kuzoca akatirwa umunyororo w’imyaka ine, abishatse akaburana yunguruza.

Yapfungwa canke atapfungwa, ntibizomubuza yamara kuzokwiyamamaza mu matora ya prezida w’Ameirka ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe uno mwaka. No mu gihe yoba yaramaze gukatirwa agatsinda amatora, azoba afise uburenganzira bwo gutwara Amerika yemye.

Bamwe mu barepublikane basangiye umugambwe na Trump bagize ico bavuga. Umukuru w’inama nshingamateka y’Amerika, Mike Johnson, yagize ati: “ Uno musi ni umusi mubi kandi uteye isoni mu mateka y’Amerika.”

Hagati aho, ibipimo vy’ikinyamakuru c’Abongereza, Reuters, vyerekana ko ukwagirwa n’ivyaha vyose yariko aragirizwa bishobora gutuma atakaza amajwi y’abarepublikane n’abigenga bateganya kuzomutora.

Bitegekanijwe ko umucamanza Juan Merchan wo ku rwego rwa reta ya New York atangaza ibihano Trump yaciriwe igenekerezo rya 11 z’ukwezi kw’indwi uno mwaka. Hazoba hasigaye iminsi ine gusa ngo habe inama umugambwe w’Abarepublikane bitegekanijwe ko utangarizamwo ku mugaragaro Donald Trump nka kandida wawo mu matora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe. Mu kurindira, Donald Trump w’imyaka 77, abandanya kwidegemvya.

(REUTERS)