Ukraine, kuri uyu wa kabiri, yaronse imfashanyo nshasha ya gisirikare itanzwe n'Ububiligi, ifise agaciro karenga umuliyaridi w'amadolari y’Amerika.
Amasezerano yerekeye iyo mfashanyo yapfunditswe igihe prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yari mu rugendo mu Bubiligi. Zelensky yaragendereye kandi ibihugu vya Espanye na Portugal, aho arondera izindi mfashanyo zo kwivuna ibitero Uburusiya bubandanya gukora mu gihugu ciwe kuva mu ntango z’umwaka w’i 2022.
Zelensky yatangaje ko amasezerano yo mu kiringo c’imyaka 10 yagiranye n’abategetsi b’Ububiligi arimwo ivyerekeye gukorana n’ico gihugu mu bijanye n’iperereza, kurwanya amakuru y’ibinyoma, hamwe no kugwanya ibitero bikorwa ku vyuma nyabwonko.
Ku musi wa mbere Ukraine na Espanye vyaratangaje amasezerano y’imfashanyo ya gisirikare y’agaciro k’umuliyaridi n’imiliyoni ijana y’amadolari muri uyu mwaka hamwe n’ay’agaciro karenga imiliyaridi 5 y’amadolari y’Amerika mu mwaka w’i 2027. Igihugu ca Espanye cemeye guha Ukraine ibimodoka vya burende vyo mu bwoko bwa Leopard n’ibisasi vya muzinga.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Espanye, Madrid, Zelensky yasavye ibihugu bicuditse vyo mu burengero bw’isi guha Ukraine uburenganzira bwo gukora ibitero vyo kwivuna mu bibanza vya gisirikare ku butaka bw’Uburusiya, ikoresheje ibirwanisho birasa kure cane ivyo bihugu vyayihaye. (VOANEWS)