Prezida Mushasha wa Senegali Yipfuza Kunagura Igisata c'Ubutungane.

Prezida mushasha wa Senegali, Bassirou Diomaye Faye,

Prezida mushasha wa Senegali, Bassirou Diomaye Faye, yatanguje ibiganiro bigamije guteza imbere igisata c’ubutungane. Ni ibiganiro bizomara indwi.

Ivyo biganiro biriko bibera I Dakar ku murwa mukuru wa Senegali,
birimwo abakorera mu gisata c’ubutungane, abigisha bo muri za kaminuza, abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’abaharanira agateka ka zina muntu.

Ingingo nyamukuru zizorimburirwa muri ivyo biganiro, zirimwo umwanya imanza zimara ziriko ziracibwa, ubuzima abanyororo babayemwo, n’ingene abahoze mu minyororo bagarukanwa mu buzima busanzwe.

Guteza imbere igisata c’ubutungane, wari umwe mu migambi nkoramutima Prezida Bassirou Diomaye Faye yashize imbere mu kwiyamamaza kwiwe. Yugurura ibiganiro vyatanguye uno munsi ku rwego rw’igihugu, yavuze ko vyihutirwa ko butungane bwa Senegali bunagurwa.

Prezida Bassirou Diomaye Faye n’umushikiranganji wa mbere Ousmane Sonko bashikiriye ubutegetsi bwa Senegali inyuma y’iminsi 10 bavuye mu mvuto.

Abo bategetsi uko ari babiri, n’abandi basangiye umugambwe, akatari gake bagirije ubutungane bwa Senegali kutigenga no gukorera mu kwaha kw’ubutegetsi bwa Macky Sall yahoze atwara ico gihugu. (AFP)