Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden na Prezida wa Kenya, William Ruto basavye abategetsi b'ibihugu bikomeye vyo kw'isi gufasha kugabanyiriza ibihugu biri mu nzira y'amajambere umuzigo ukomeye w’amadeni aremeye bikomeye.
Ako kamo k’uko hofatwa ingingo, gatewe mu gihe Prezida Biden ariko abwira ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika ko Amerika ishobora gukorana neza na vyo kurusha Ubushinwa, igihugu kiriko gihiganwa bikomeye na Amerika mu vyerekeye ubutunzi.
Ubushinwa bwarongereje imitahe yabwo ku mugabane wa Afrika. Prezida Biden na Prezida Ruto, bashaka ko ibihugu vyatanze ingurane bigabanya inzitizi zihari ku bihugu biri mu nzira y’amajambere ku bijanye no kuriha amadeni akomeye cane abigeramiye. Basavye kandi inzego mpuzamakungu zitanga ingurane gukorera hamwe ku bijanye no kworohereza amadeni ibihugu biri mu nzira y’amajambere, hamwe no kworohereza uburyo ivyo bihugu biriha amadeni, vyafashe.
Ibiro vya Prezida wa Amerika, Maison Blanche, vyatangaje kandi ko bizoha igisata c’Ibanki y’isi yose giha ibihugu bikenye kurusha ibindi vyo kw’isi amadeni yorohejwe, n’imfashanyo y’amafranga, imiliyoni 250 y’amadolari. Ayo mafaranga azofasha ibihugu bikenye biri mu bibazo.
Bitegekanijwe ko Prezida wa Amerika, Joe Biden na Prezida wa Kenya, William Ruto, bagira ibiganiro kuri uyu wa kane. Bategekanya kandi guha ikiganiro abamenyeshamakuru, imbere y’uko Prezida Biden amwakira mu birori vyo gufungura mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane. (AP)