Icegera c'umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Vedant Patel, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko ihindurwa ry'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Uburusiya, Sergei Shoigu, vyerekana ko Prezida w'ico gihugu, Vladimir Putin, yaburaniwe mu kigoro kiwe ko kubandanya ibitero muri Ukraine.
Ubwo bushikiranganji bwatangaje ko ingwano muri Ukraine iriko itwara uburyo bwinshi Uburusiya. Bwamenyesheje ko iyo ingwano iriko igira ingaruka zikomeye ku b utunzi bw’Uburusiya, kandi iriko ihitana inteko nyinshi z’ico gihugu.
Patel, yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiharuro bimwe bimwe vyerekana ko Uburusiya bumaze gutakaza abasirikare 315,000. Yavuze ko ingwano yasinzikaje imiryango itari mike mu Burusiya.
Yerekanye ko Uburusiya bwatanguye ingwano muri Ukraine, ko bushoobra kuyihagarika igihe icarico cose mu gukura inteko zaco muri Ukraine.
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ku musi w'Imana, yarakuye umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Sergei Shoigu, mu mabanga yiwe. Yari ingingo yiwe yo guhindura abayobozi b'igisirikare c'Uburusiya, inyuma y'imyaka irenga ibiri inteko z'Uburusiya zitanguye ibitero muri Ukraine.
Uwo, Prezida Putin yagenye gusubirira Sergei Shoigu ni Andrey Belousov, umuhinga yanonosoye ivyerekeye ubutunzi.
Putin yagenye Shoigu kuba umunyamabanga mushasha w’urwego w’igihugu rujejwe umutekano. Yasubiriye Nikolai Patrushev, yari amaze igihe kirerekire ayoboye urwo rwego.
Umuvugizi w’ibiro vya Prezida Putin, Dmitri Peskov, yatangaje ko Shoigu azobandanya gukora mu gisata co kwivuna abansi, asanzwe azi neza.
Shoigu yari yagenywe mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mu mwaka w’i 2012. Andrey Belousov yagenywe kumusubirira, nta bijanye n’igisirikare yigeze akora imbere y’aho. Yabaye umwe mu bahanuzi bakomeye ba Prezida Putin ku bibazo vyerekeye ubutunzi mu kiringo c’imyaka cumi irangiye.
Ibwirizwa shingiro riraha Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, uburenganzira bwo kugena abashikiranganji bashasha, canke gusubira kugena abari bahasanzwe.
Ni inyuma y’uko atsinze amatora yabaye mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka. Nta numwe bahiganywe muri ayo matora. Abashingamateka bategerezwa kwemeza abo Prezida Putin yagenye.
Ni vyo bitegekanijwe ko bazokora kuri uyu wa kabiri. Prezida Putin akoze ihinduka rikomeye mu buyobozi bw’igisirikare mu gihe inteko z’Uburusiya ziriko zitera zigira intambwe ku rugamba, mu bubaye ubwa mbere mu kiringo c’amezi atari make.