ONU Yashize CNIDH y'Uburundi mu Mirwi y’Ibihugu Bitwaza Umukazo

Volker Türk atwara igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatse umugwi w’igihugu c'Uburundi ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, ikibanza ca mbere (Statut A) gihabwa imigwi ikora yigenga idatamikwa ijambo n’amareta.

Abahinga ba ONU bari bamaze umwaka wose basuzuma ibikorwa vy’uwo murwi, bavuga ko basanze udakora wigenga, wacitse igikoresho ca reta, utamikwa ijambo n’ubutegetsi, ko hari amabi ukorako ugasha nko kudoma urutoke ku mabi akorwa n’inzego za reta, canke urwaruka rw’Imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.

Abahinga ba ONU bakoze amatohoza bavuga kandi ko uwo murwi utavugira abahohoterwa, bazira ivyiyumviro vyabo, vyaba ivya politike n’ibindi.

Ivyo ONU ivuga ibihurizako n'amwe mu mashirahamwe yigenga, arimwo Urunani FIACAT. Urwo runani mu burorero rutanga, harimwo abantu barenga 200 rwemeza ko bishwe, abarenga abo bakanyuruzwa mu kiringo c’umwaka umwe uheze, yamara umurwi CNIDH ukaguma winumiye.

ONU yashize umurwi CNIDH ku rutonde rw’imirwi nk’iyo mu bihugu bitwaza umukazo nka Algerie, Chad, Libye, Tunisia, Nicaragua, Venezuela, Turkiya n’ibindi.

Umurwi CNIDH uramirira kure iyo ngingo. Sixte Vigny Nimuraba avuga ko umurwi arongoye wari wagerageje gukora wigenga muri iyi myaka 3 iheze, kuko wari usigaye "uri bitumwako". Umurwi wa CNIDH ubona ko abawagiriza gukorera mu kwaha k’ubutegetsi bawubeshera, ko ari abansi b’igihugu.

CNIDH ivanywe mu kibanza gifatwa nk'iciteka iyuma yaho amashirahamwe arenga 20 arimwo ayakorera mu Burundi, mu karere n’i Bulaya yari yituye urunani mpuzamakungu ruhuza imirwi yo mu bihugu bitandukanye hamwe n’inama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, asaba ko uwo murwi wokwakwa ako gateka.

Armel Niyongere arongoye ACAT-Burundi, rimwe mu yagize FIACT, arashima ingingo yafashwe, akizera ko izotuma umurwi CNIDH wikubita agashi.

Yamara, amashirahamwe akorera mu Burundi yoyo ishavu riraniga. Yemezako abo yita abansi b’Uburundi bagize urunani kugira badodobereze umurwi CNIDH.

Gerard Hakizimana umuvugizi w’ayo mashirahamwe akorera mu Burundi yabwiye Ijwi ry'Amerika ari i Bujumbura ko iyo ngingo ikwiye gufutwa kuko ata shingiro ifise. Yibutsa ko amashirahamwe yabo atigeze agishwa inama.

Si irya mbere ibikorwa vy’umugwi CNIDH bitera amakenga muri iyi mwaka 6 iheze.
Mu mwaka w’2018, ni ho uwo murwi watangura kwakwa icicaro ca mbere (A). Na ho nyene, wari wagirijwe na ONU ko wirengagije ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ryabaye kuva mu mwaka w’2015.

Inyuma y’imyaka 3 mu mwaka w’2021, uwo murwi warasubijwe muri ico kibanza ca mbere. Wari wasabwe kwigengesera no kwerekana ko vy’ukuri, wigenga.

Ingingo yafatiwe CNIDH ifise ikiringo c’umwaka kugira ibe ntabanduka. Umwe mu bahinga baharanira agateka ka zina muntu yabwiye Ijwi ry'Amerika ko mu gihe uyo murwi uhinduye ingendo muri ico kiringo, ishobora gusubizwa iteka.

Bitabaye uko, uwo muhinga avuga ko umurwi CNIDH wo mu Burundi utazosubira no kuja mu manama ya ONU, Ivyo bisigura ko igihugu kidasubira kuronka akaryo, n’aho gishikiririza ingene agateka ka zina muntu kifashe.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

ONU Yashize CNIDH y'Uburundi ku Rutonde rw'Imirwi yo mu Bihugu Bitwaza Umukazo