Ibiganiro vyo Guhuza Impande Zitana mu Mitwe muri Sudani Vyatanguye

Ibiganiro bikomeye bigenewe guhuza impande zitana mu mitwe muri Sudani yo mu bumanuko vyatanguye mu gihugu ca Kenya.

Abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika bariko basaba ko intambara yazingamitse ubutunzi bwa Sudani yo mu bumanuko mu kiringo c’imyaka itari mike, ihagarara. Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryamenyesheje ko prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, yari mu biganiro, yashimiye mugenzi w’igihugu ca Kenya, William Ruto, kuba yabyakiriye.

Salva Kiir yavuze ko reta yiwe izoganira, ibishizemwo ugushaka. Yatangaje ko yizeye ko n’abarwanya reta bazobigenza nk’uko mu kwerekana ko bashaka amahoro mu gihugu, azotuma haboneka umutekano n’iterambere birama muri Sudani yo mu bumanuko, no mu kararere.

Ibiganiro biriko biba biri hagati ya reta ya Sudani yo mu bumanuko n’imirwi irwanya ubutegetsi itari mu masezerano yapfunditswe mu mwaka w’i 2018, yarangije ingwano yari imaze imyaka 5. Iyo ngwano yahitanye abantu 400.000. Prezida wa Kenya, William Ruto, ku musi wa kane, yaratangaje ko ibibazo vyo ku

mugabane wa Afrika, bikwiye gutorerwa inyishu n’Abanyafrika bonyene, ubwabo. Abitavye ibiganiro barimwo abakuru b’ibihugu vya Malawi, Zambiya, Namibiya, na Santrafrika. Intumwa isadanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere ko mw’ihembe rya Afrika, Mike Hammer, yakiye neza ivyo biganiro. (AP)