Uburusiya Bwatanguye Kugaba Ibitero Gisagara ca Kharkiv

Inteko z'Uburusiya zigwanira ku butaka, kuri uyu wa gatnu, zatanguye ibitero hafi y'igisagara ca Kharkiv kigira kabiri mu bunini muri Ukraine. Ico gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

Inteko z’Uburusiya zakoze ibitero mu gice gishasha kubera gushika ubu ingwano yabera mu buseruko no mu bumanuko bw’igihugu. Ukraine nayo yaciye irungika abandi basirikare mu gihe ingwaao ikomeye iriko ibera mu bice biri ku rubibe n’akarere ka Kharkiv.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Ukraine bwavuze ko hafi y’isaha cumi n’imwe zo mu gitondo, abo yise abansi, bagerageje gutera ibirindiro vy’inteko za Ukraine mu karere kegereye Kharkiv. Yamara yavuze ko inteko za Ukraine zatujije ivyo bitero, naho ingwano ikomeye ikibandanya.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yabwiye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru, Kiev ko inteko z’igihugu ciwe zimaze igihe zitegurira guhangana n’ibitero vy’inteko z’Uburusiya mu karere ka Kharkiv. Yamara yasiguye ko Uburusiya bushobora kurungika izindi nteko muri ako karere.

Ukraine yaratujije inteko z’Uburusiya mu bice nka vyose vyo mu ntara ya Kharkiv mu mwaka w’i 2022. Hari inyuma y’uko Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri k’uwo mwaka nyene. (REUTERS)