Burundi: Abarimyi b'Icayi, Ikawa n'Ipampa Bahiga Guheba Kubirima

Mu Burundi abarimyi b’ ibiterwa njabukamazi ari vyo Ikawa, Icayi n’ ipampa ni kabiri na rimwe bagaheba kurima burundu ivyo biterwa. Bavuga ko ivyo biterwa bibatwara uburyo bwinshi ariko hageze gushora bakaronka intica ntikize. Basaba ko ivyo biterwa vyinjiza amafaranga y’ agaciro mu kigega ca Leta vyoduzwa agaciro ku murimyi.

Umukuru w’ igihugu Evariset Ndayishimiye aratahura imyidogo y’ abarimyi, akagiriza abarongoye ayo mashirahamwe gushira imbere ibiturira bituma umurimyi adatera intambwe.

Ivyo biterwa njabukamazi abarimyi bidoga ko ata kamaro kanini bikibafitiye nko mu myaka iheze ifaranga ry’ uburundi ritarata agaciro, biri mu vyinjiza mu kigega ca Leta amafaranga y’ agaciro menshi nk’ uko urubuga rw’ ibanki nkuru y’ igihugu ruvyerekana.

Ikilo c’ ikawa idatonoye mu gihe c’ iyimbura kigurwa amafaranga y’ amarundi 1380. Abarimyi b’ ikawa bo mu ntara ya Ngozi, intara ya mbere mu gihugu yimbuka mwo ico giterwa njabukamazi ku bwinshi bakavuga ko kurima ikawa muri kino gihe ari uguta umwanya.

Abarimyi b’ icayi bobo bavuga ko kurima icayi ubu ari nko gukunda igihugu . Bakavuga ko amafaranga 280 ihinguriro ry’ icayi rya Leta ari ryo OTB ribaronsa ku kilo aherera ku bikorwa vyo gukorera ico giterwa vyo nyene.

Abarimyi b’ ipampa bobo bavuga ko iyo ihinguriro rya Leta COGERCO ribaguriye umwimbu wabo batarihwa ku gihe ayo bita amafaranga y’intica ntikize angana n’ 700 ku kilo.

Mu nama n’ abakorera mu gisata c’ ikawa mu mpera z’ ukwezi kwa kane uno mwaka ku murwa mukuru w’ intara ya Ngozi umukuru w’ igihugu Evariste Ndayishimiye yakariye abarongoye amashirahamwe ya Leta ko biba abanyagihugu. Yafatiye ku ntica ntikize ishirahamwe rya rita rijejwe gutunganya igiterwa c’impampa rironsa abarimyi b’ ico giterwa.

Ku basesenguzi ba politiki y’Uburundi, si irya mbere Umukuru w’ igihugu agabisha abanyonyonora ubutunzi bwa Leta n’ abarya ibiturire nk’ uko bishikirizwa n’ ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’ isesagurwa r’ ubutunzi bw’ igihugu. Mu kiganiro Gabriel Rufyiri arirongoye yahaye abakunzi b’ Ijwi ry’ Amerika asaba Ndayishimiye kuva mu majambo agafata ingingo.

Ivyo biri uko mu gihe umushikiranganji Audace Niyonzima ajejwe ikigega ca Leta aherutse gushikiriza inama nshingamateka ko amashirahamwe Leta ifise mwo imitahe ahomba imiliyoni 48 z’ amadolari y’ abanyamarika ku mwaka ku mwaka.

Uwo arongoye ishirahamwe OLUCOME akavuga ko kurya ibiturire n’ ukunyonora ubutunzi bw’ igihugu bitera vyunyuka kuva umukuru w’ igihugu Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi. Agasigura ko vyunyuwe n’ uko muri Leta arongoye muri kino gihe ata bushikiranganji bujejwe intwaro ibereye bukivugwa, eka mbere ko na sentare ijejwe kurwanya ibiturire yahahora yafuswe.