Umugwizatunga Ayabatwa Tribert Rujugiro yitavye Imana. Nyakwigendera Rujugiro akomoka i Nyanza mu Rwanda ashengeye inyuma y'imyaka myinshi yamaze aba hanze y'igihugu ciwe nk'impunzi.
Umugwizatunga Ayabatwa Tribert Rujugiro yitavye Imana ku myaka 82. Abamwegereye bemeje ivy'urupfu rwiwe kw'Ijwi ry'Amerika ntibatomoye icamuhitanye.
Umutunzi karuhariwe Rujugiro yamenyekanye mu rudandazwa rurimwo urw'itabi, amazu, n'ibindi yakoreye ahanini mu Burundi, mu Rwanda, muri Uganda, Angola, Afurika y'Epfo, Kenya na Nijeriya.
Muri Uganda, yahashoreye imiriyoni 20 z'amadorari yashize mu gisata c'itabi no guhingura imfungurwa. Aja gutanguza iyo migambi muri Uganda, ibimenyeshamakuru vyamubajije impamvu uwo mutahe atawushoye mu Rwanda rwamwibarutse, aca yishura ko atagishoboye gushinga imitahe mu gihugu ciwe kuko camwambuye ubutunzi bwiwe.
Bumwe mu butunzi bwiwe bwafatiriwe n'u Rwanda, burimwo inyubakwa y'ubucuruzi "Union Trade Center" (UTC) iri ku murwa mukuru w’u Rwanda Kigali, yatejwe camunara mu 2017.
UTC yagurishijwe imiriyari ziri munsi y'indwi mu mafranga y’u Rwanda, mu gihe Umuhisi Rujugiro yemeza ko ibikorwa vyo kuyubaka vyamutwaye imiriyari 20. Ico gihe ayo mafaranga yangana n'imiriyoni 15 z'amafaranga y'abanyaburaya.
Ubutegetsi bwo mu Rwanda, akenshi bwagirije Rujugiro gushigikira abatavuga rumwe nabwo. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru babiri b'Ijwi ry'Amerika, Etienne Karekezi na Eddie Rwema, mu 2013 ari mu rugendo yakoreye i Washington D.C., yarabihakanye.
Muri ico kiganiro, yemeje ahubwo ko ari mu bafashije FPR Inkotanyi mu rugamba rwahereye mu kwezi kwa cumi 1990 kugeza ifashe ubutegetsi mu kwa karindwi 1994, kandi yahoze no mu burongozi bwayo. Fyonda hasi wumve ibindi yavugiye muri ico kiganiro, birimwo ingene yapfungiwe mu Burundi, n'inama agira abashaka gutera imbere biciye mu budandaji.
Your browser doesn’t support HTML5