Abayisilamu bo kw'Isi Bahimbaje Irayidi

Bamwe mu ba Isilamu bariko barasenga

Abaislamu mu bice bitandukanye vyo kw'isi, kuri uyu wa gatatu, bahimbaje umusi mukuru wa Ramazani. Yamara ibirori vyo kurangiza Ramazani vyabaye mu gihe ingwano n’ugusinzikara kw’abanyagihugu bibandanya mu ntara ya Gaza.

Bibaye kandi mu gihe vyitezwe ko igisirikare ca Isirayeri gikora ibitero mu gisagara ca Rafah, inyuma y’ingwano imaze amezi atandatu mu ntara ya Gaza.

Abdulrahman Musa, umwe mu bayobora abayislamu mu bisabisho ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, yatangaje ko batotegerezwa kwibagira bagenzi babo bari muri Palesitina.

Yavuze ko Abanyapalestina bageramiwe n’agasomborotso n’ubwicannyi bitagira insiguro, mu gihe amakungu ariko arorera mu gacerere.

Mu butumwa bwo ku musi mukuru w’Irayidi, Prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yashigikiye abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza, yavuze ko bari mu bubabare ntangere.

Mu gisagara ca Istambul, abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu bisabisho mu musigiti witwa Aya Sofya, bari bafise amabendera ya Palesitina, baririmba amajambo yo gushigikira abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza.

Mu ntara ya Gaza, hari umunezero muke. Abanyapalesitina mw’ikambi y’impunzi y’ahitwa Jabaliya, mu buraruko bwa Gaza bunamiye ababo bari mu bantu 33,000 bishwe mu bitero vya Isirayeri mu ntara ya Gaza, hisunzwe ibiharuro bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwo muri iyo ntara.

Mu bindi bice bitandukanye vyo kw’si, abantu bashimye imigisha baronse inyuma y’ikiringo co kwisonzesha camaze ukwezi. Abayislamu muri ivyo bice bahimbaje irangira rya Ramazani bari kumwe n’ababo. (AP)