Burundi: Umuryango wa Prezida Ntaryamira Ntiwigeze Uhabwa Impozamarira

Umuryango w'Umuhisi Cyprien Ntaryamira ku munsi wo kumushingura

Igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane kwa 2024, imyaka 30 yararumanye Prezida Cyprien Ntaryamira yahoze atwara Uburundi yitavye Imana.

Prezida Ntaryamira yaguye mu ndege yahenukiye i Kanombe mu Rwanda, kumwe na mugenzi wiwe w’ico gihugu, Juvenal Habyarimana.

Kuva mu 1994, Sylvana Ntaryamira (Umupfakazi wa Prezida Cyprien Ntaryamira), yumvikanye gake avugira mu bimenyeshamakuru ibijanye na dosiye y'umushingantahe wiwe yahoze atwara Uburundi.

Ku ncuro ya mbere, Madame Sylvana Ntaryamira yaganiriye n’Ijwi ry’Amerika, biciye mu kiganiro co kuri telephone yahaye Umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe.

Muri ico kiganiro, Madamu wa Prezida Ntaryamira yavuze ko umunsi umufasha wiwe agwa mu ndege i Kigali mu Rwandwa, yababaye bidasanzwe, biranka ko atahura ingene umuntu batandukanye akomeye, atakiri ho.

Umuhisi Prezida Ntaryamira kumwe n'umuryango wiwe.

Madamu Sylvana Ntaryamira, yasiguriye Ijwi ry’Amerika ko amatohoza ku catumye indege yo mu bwoko bwa Falcon 50 yarimwo umugabo wiwe ihenuka avuguruzanya, gutyo bikaba bigora umuryango kumenya ukuri aho kuri.

Naho biri uko, ku bwa Madamu Ntaryamira, "bitebe bitebuke, ukuri kuzomenyekana, kuko ukuri guca mu ziko ntigusha. Naho hazohera imyaka ijana, kuzomenyekana.”

Mu makuru umutambukanyi wa Prezida Ntaryamira yahaye Ijwi ry'Amerika, harimwo ayajanye n’indishi yahawe abari mu ndege yaguyemwo umushingantahe wiwe.

Madamu Sylvana Ntaryamira, yasiguye ko indege umunega wiwe yaguyemwo yari ifise ubwishingizi bwa sosiyete yo mu Rwanda, SONARWA, nayo ikaba yari ifise ubwishingizi ( Assurance) bwo mu Bwongereza.

Madame Sylvana Ntaryamira yagize ati: “ Imiryango y’Abafaransa batatu bari batwaye irya ndege bararonkejwe impozamarira. Iy’Abarundi batatu (Atari ba Prezida) bari bayirimwo nayo nyene iraronka, U Rwanda rufatira iy’umuryango wa Prezida Habyarimana, natwe nk’umuryango wa Ntaryamira, uwo twari twatoye ngo aduserukire mu rubanza, yabanje kutubesha ko SONARWA yahaye inshumbusho yacu u Rwanda, ariko mu nyuma, SONARWA iza kuduha ivyemezo ko uwatuburanira ari we yaronse indishi y’akababaro, ariko ntiyigeze ayiduha.”

Mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika, umutambukanyi wa Prezida Ntaryamira yabandanije gusigura ko batazoheberana, bizeye ko ubutungane buzobafasha kuronka inshumbusho yabo. Ntiyatomoye igitigiri c’amafaranga Umubirigi yababuraniye yabatwaye.

Ibisigarira vy'indege yahitanye Prezida Cyprien Ntaryamira na mugenzi wiwe w'u Rwanda Juvenal Habyarimana

Uburundi ntibwigeze buha Madamu Sylvana Ntaryamira, uburusho buhabwa abatambukanyi b’abahoze ari abakuru b’igihugu. Kuri iyi ngingo, Madamu wa Prezida Ntaryamira, yasiguriye Ijwi ry’Amerika ko kuba atigeze aronka ubwo burusho ari kubera "amategeko y'Uburundi atomora y’uko abakorera amashirahamwe mpuzamakungu arimwo na ONU badahabwa ubwo burusho."

Yagize ati: “ Narasomye amategeko. Abakorera amashirahamwe mpuzamakungu co kimwe n’ababa hanze ntibaronka ubwo burusho. Ariko ubu ko mperuka gutaha mu gihugu, ndiko ndaraba ivyo nemerewe".

Umupfasoni Sylvana Ntaryamira ari mu karuhuko k'izabukuru inyuma yo gukorera ishami rya ONU ryitaho uburimyi, FAO .

Cyprien Ntaryamira kumwe n'umutambukanyi wiwe Sylvana Ntaryamira

Fyonda hasi wumve ikiganiro cose umutambukanyi wa Prezida Cyprien Ntaryamira yahoze atwara Uburundi, yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe.

Your browser doesn’t support HTML5

Ikiganiro Cihariye n'Umutambukanyi wa Cyprien Ntaryamira Yahoze Atwara Uburundi