Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa gatanu, cantangaje ko cakuye mu mirimo yabo, abasirikare 2 bagirizwa ibitero vyahitanye abakozi b'abagiraneza 7 mu ntango z'iyi ndwi mu ntara ya Gaza.
Mw’itangazo inyuma y’uko kirangije itohoza ryaco ku bwicanyi bwabaye kw’itariki 1 y’uku kwezi kwa kane, igisirikare ca Isirayeri catangaje ko abasirikare 2 b’intwazangabo birukanywe mu kazi kabo.
Cavuze ko bishe abakozi 7 b’ishirahamwe rijejwe gutabara, World Central Kitchen, babitiranije n’abarwanyi b’umurwi Hamas yari yinyegeje mu makamyo yari atwaye imfashanyo mu ntara ya Gaza.
Catangaje ko ibitero vyakozwe ku modoka zari zitwaye izo mfashanyo, vyari biciye kubiri bikomeye n’amabwirizwa yaco ku kugenge abasirikare ba Isirayeri bategerezwa kwigenza mu bikorwa vyabo vya gisirikare.
Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko ivyavuye mw’itohoza vyerekanye ko ivyabaye ku musi wa mbere w’iyi ndwi bitotegerezwa gusubira kuba.
Abatanze uburenganzira bwo gukora ivyo bitero, bari bazi ko bariko bahiga abarwanyi b’umurwi Hamas, ko batarondera abakozi b’ishirahamwe World Central Kitchen. Cavuze ko kibabajwe cane n’abatakaje ubuzima bwabo, kikaba cifatanije mu mubabaro n’imiryango yabo. (VOANEWS).