Muri Sudani 12 Bishwe n'Igitero ca 'Drones'

Igitero c’indege itagira umudereva cahitanye abantu 12 muri Sudani. Abandi bantu 30 bakomerekeye muri ico gitero cabereye mu gisagara ca Atbara mu buraruko bushira ubuseruko bwa Sudani.

Ivyabona vyabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko umuriro wadutse inyuma y’aho ico gitero ca drone gikorewe mu kibanza carimwo. Abasilamu bariko barafungura impfungugwa zo mu gitondo, nk’uko bisanzwe, iyo bari mu bihe vyo kwisonzesha vya Ramazani. Bavuze kandi ko uwo mwanya wo gufungura wari wateguriwe kw’ikambi ry’abagwanyi bazwi nka Baraa, bafadikaje urugamba n’igisirikare c’igihugu.

Umwe mu bahaye amakuru itororokanirizo AFP yavuze ko abantu bagize ubwoba bwinshi kubera ico gitero cumvikanye gushika ku birometero 300, mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Khartoum.

Umwe mu baganga yavuze ko ibiziga vy’abantu 12 hamwe na 30 bakomeretse vyatwawe ku bitaro vyo muri iyo micungararo. Ntibatomoye neza abishwe abo ari bo.

Igice kinini ca Sudani kimaze umwaka gihanzwe n’intambara ikomeye hagati y’igisirikare c’igihugu n’umurwi w’abasirikare biyonkoye, bazwi kw’izina “Rapid Support Forces.”