Uburusiya, kuri uyu wa kane, bwakoze ibitero vya misile ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev. Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine catangaje ko casambuye misile zose uko ari 31 zakoreshejwe muri ivyo bitero.
Umukuru w’umurwa mukuru, Kiev, Vilati Klitschko yatangaje, mu butumwa ku rubuga, Telegram, ko ibisigarira vya misile zasambuwe vyaguye mu bice bitari bike vy’umurwa mukuru, Kiev, bisambura inyubakwa, abanyagihugu babamwo: Ivyo vyatumye imiriro itari mike yaka muri izo nyubakwa. Klitschko yatangaje ko abantu batari musi ya 10 bakomeretse.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, kuri uyu wa kane, yatangaje ko iterabwoba nk’iryo ry’Uburusiya ari ibintu biba ijoro n’umutaga. Zelensky yasavye ko ibihugu bicuditse bibandanya gutanga imfashanyo, cane cane mu guha igihugu ciwe uburyo bwo kwivuna misile na drone.
Prezida Zelensky yatangaje ko ubwo buryo bwo kwivuna umwansi bukenewe cane muri Ukraine muri iki gihe. Yavuze ko bishoboka hamwe ibihugu bicuditse vyokwerekana ugushaka kwa politike guhagije.
Ibitero Uburusiya bwakoze ku murwa mukuru, Kiev vyabaye umusi umwe inyuma y’uko Prezida Zelensky agiranye ibiganiro na Jake Sullivan, umuhanuzi w’ibiro vya Prezida wa Amerika, Joe Biden, ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu.
Jake Sullivan yari mu rugendo muri Ukraine. Yarahumurije abanya-Ukraine ko Amerika ibandanya gushigikira igihugu cabo. Yavuze ko naho Kongre ya Amerika yatebesheje imfashanyo igenewe Ukraine, ico gihugu kizoruhira kuronka imiliyaridi n’imiliyaridi y’iyo mfashanyo. (VOANEWS)