Imbere y'inama y'abagize umurwi uyubowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku vyerekeye guha Ukraine imfashanyo ya gisirikare yo kwivuna ibitero vy'Uburusiya, Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko igihugu ciwe kizorondera kwongereza bikomeye uburyo bwo kwivuna umwansi.
Ivyatangajwe na Prezida Zelensky bikwirirkiye inama yagiranye n’umukenguzamateka w’Umurepublika wo muri Amerika, Lindsey Graham, yari mu rugendo mu gihugu ciwe mu gihe imfashanyo nshasha ya Amerika yahagaze bivuye ku kutumvikana kw’abanyapolitike b’Amerika.
Prezida Volodymyr Zelensky yagize ati: Mu vyo twavuganye harimwo ibibazo vyerekeye akamaro k’uko ubwigenge na demokrasi vyotegerezwa gutsinda muri iki gihe, muri iyi ntambara, kubera atari uko, agasomborotso k’Uburusiya n’akajagari bizokwiragira mu bindi bice vyo kw’isi. Narabwiye Senateri Graham ku kugene ibintu vyifashe ku rugamba, n’ivyo inteko zacu zikeneye mu buryo bwihutirwa. Ibikenewe vyihurirwa biragarara, ni ibikoho bikomakomeye vyo kwivuna misile na drone, indege z’’ingwano zo mu bwoko bwa F-16, na vya muzinga.
Prezida wa Amerika, Joe Biden, yemeye imfashanyo nshasha y’imiliyaridi 60 y’amadolari igenewe Ukraine. Biri mu mfashanyo yerekeye umutekano imaze kwemezwa n’inama nkenguzamateka iyobowe n’Abademokrate.
Inama nshingamateka iyobowe n’abo mu mugambwe w’aba Republika, ntiratunganya itora kw’itegeko rigenewe iyo mfashanyo. Umukuru w’inama nshingamateka, Mike Johnson yatangaje ko imfashanyo yerekeye umutekano izotegerezwa kuba kandi irimwo iy’ijanye n’umutekano ku rubibe hagati ya Amerika na Mexique. (VOANEWS)