Abarundi Bahagarariye Amatora y'Uburusiya Bemeza ko Yagenze Neza Cane

Umunyagihugu ariko aratora

Mu mpera z'indwi iheze, Uburusiya bwaratunganije amatora, aho Prezida Vladimir Putin yatahukanye intsinzi.

Amakungu avuga ko ayo matora atarimwo ubwigenge n'umwidegemvyo. Amakungu avuga kandi ko ayo matora yaranzwe n'iterabwoba hamwe n'igandagurwa ry'umwe mu banyapoltike bakomeye, batavuga rumwe na reta y'Uburisya, Alexei Navalny.

Umukuru w'umurwi w'igihugu c'Uburundi ujejwe gutunganya amatora, Prosper Ntahorwamiwe, yari yatumiwe n'umurwi w'igihugu c'Uburisiya ujejwe gutunganya amatora mu bikorwa vyo kuyagenduza.

Mu kiganiro Ntahorwamiye yagiranye na Frederic Nkundikije, yasiguye ko amatora yagenze neza, abamwo umuco kandi atunganywa hifashishijwe ubuhinga bwa none .

Your browser doesn’t support HTML5

Indorerezi z'Uburundi Ntizemeranya n'Amakungu ku Muco Waranze Amatora y'Uburusiya