Ishirahamwe ry'ubumwe bw'Ubulaya ryatangaje ko intsinzi ya Prezida Vladimir Putin, mu matora y'umukuru w'igihugu mu Burusiya yafatiye ku ntwaro y'igitugu n'iterabwoba.
Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya, Josep Borell, kuri uyu wa mbere, yatangaje kuba Prezida Putin yasubiye gutorwa mu kiringo c’imyaka 6 bidafatiye ku matora arangwa n’ubwigenge kandi atagira amahinyu.
Yatangaje ko abatavuga rumwe na reta b’ukuri banumijwe kandi indorerezi zo mu makungu zitari zihari.
Mw’itangazo ibihugu uko ari 27 vyashikirije hamwe mu nyuma yaho, vyatangaje ko Abarusiya bataronkejwe uburenganzira bwo guhitamwo neza umukuru w’igihugu, inyuma y’uko abanyapolitike bose badashigikiye ingwano muri Ukraine bakumiriwe.
Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya ryiyamirije ivyerekeye kugirisha amatora mu ntara zo muri Ukraine zigaruriwe n’Uburusiya. Ryamenyesheje ko ritemera kandi ritazokwigera ryemera ivyo rivuga ko vyitwa ko ari amatora mu bice vy’igihugu ca Ukraine, canke ibiyavuyemwo.
Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderansire w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya, Joep Borrell, yatangaje ko vyitezwe ko abashikirangaji b’iryo shirahamwe bariko babonanira i Bruxelles bafatira ibihano abategetsi b’amabohero bagize uruhara mu rupfu mu kwezi kurangiye rw’umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta, Alexei Navalny. (AFRICANEWS)