Uburusiya "Bwasambuye Drone 15 na Misile 8 vya Ukraine"

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw'Uburusiya, kuri uyu wa kane bwatangaje ko bwasambuye drone 15 na misile 8 vyarashwe na Ukraine.

Ni mu gihe abategetsi bo mu ntara y'Uburusiya iri ku rubibe na Ukraine batangaje ko umuntu umwe yishwe, abandi batari bake barakomereka mu gitero ca drone Ukraine yakoze.

Vyacheslav Gladkov, bulamatari w’intara ya Belgorod, yatangaje ko amakuru ya mbere afise yerekanye ko umuntu umwe yari mu modoka yishwe muri ico gitero ca drone mu gihe abandi batari bake bakomeretse.

Gladkov yavuze ko iyindi drone yasambukiye mu giti, ikaba yononye inzu 2 inyuma y’uko ituritse. Yatangaje yamara ko atabo yakomerekeje.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje ko bwasambuye drone 12 kuri 15 Ukraine yarashe mu ntara ya Belgorod, hamwe n’izindi zitatu mu ntara ya Kursk iri mu burengero bw’Uburusiya.

Muri Ukraine, Oleh Synehubov, bulamatari w’intara ya Kharkiv, iri mu buseruko bw’igihugu, yatangaje Uburusiya bwarashe misile muri iyo ntara. Yamara yavuze ko ataabapfuye canke ngo bakomereke muri ico gitero.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ku musi wa gatatu, yatangaje ko Uburusiya bwiteguriye gukoresha ibirwanisho rubonyanganda hamwe imbihe n’ubwigenge bw’ico gihugu vyogeramirwa.

Yaragabishije Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko niyo zarungika inteko kurwana muri Ukraine, bizobonwa nk’agasomborotso gakomeye mu ntambara iriko iraba muri ico gihugu. (VOANEWS)