Afurika y'Epfo Yanse ko Amerika Yokurikirana Amatora Yayo

Prezida wa Afurika w'Epfo

Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yiyamirije ivyasabwe n'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, Democratic Alliance, DA, mu mpunyapfunyo vy'uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zofasha gukwirikirana amatora yimirije kuba muri Afrika y'epfo.

Prezida Cyril Ramaphosa, yatangake ko ikete ry’umugambwe DA ritagira ishingiro mu gihe Afrika y’epfo yamye ikoresha indorerezi zo mu mahanga. Yagirije umugambwe DA ko uriko ugerageza kugeramira ubwigenge bw’igihugu ku nyungu z’abanyamahanga.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire no gufashanya mu makungu wa Afrika y’epfo, Naledi Pandor, yatangaje ko ikete nk’iryo ritangaje kandi risuzuguza Afrika y’epfo.

Ikete, umugambwe DA wandikiye umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, hamwe n’ayandi mareta y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, risaba ko bifasha mu vyerekeye gukwirikirana amatora azoba muri Afrika y’epfo, kw’italiki 29 y’ukwezi kwa gatanu muri uyu mwaka, ryarateye impari za politike muri iyi ndwi.

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC, watangaje ko ivyasabwe n’umugambwe DA bidatumbereye kubera ibihugu vyo mu burengero bw’isi bifise ibibazo vyerekeye amatora ubwavyo.

Afrika y’epfo ibonwa n’abantu benshi ko ari igihugu cagirishije amatora arangwa n’ubwigenge, kandi atagira amahinyu muri kahise. Yamara ikete ry’umugambwe DA, risaba ko amakungu afasha kwubahiriza amatora meza, mu vyo ubona ko ari amatora ahambaye cane mu kiringo c’imyaka 30 caranzwe na demokrasis muri Afrika y’epfo.

Muri ico gihe, Mahlengi Bhengu-Motsiri, umuvugizi w’umugambwe ANC, yavuze ko amatora mu bihugu vyo mu burengero bw’isi vyashitse ko abamwo amahinyu.