Isirayeri Yagavye Ibitero vy'Indege n'ivyo ku Butaka mu Bumanuko bwa Gaza

Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa kane, catangaje ko cakoze ibitero gikoresheje inteko zirwanira ku butaka n'indege z'ingwano mu bice vyo hagati no mu bumanuko bw'intara ya Gaza.

Igisirikare ca Israyeri cavuze ko ivyo bitero vyakozwe mu karere ka Khan Younis vyasambuye ibikoho birasa za rokete.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, ku musi wa gatatu, yaratangaje ko Israyeri itegerezwa gushira imbere ineza y’abasivile b’Abanyapalestina mu gihe iriko irwanya umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Blinken yavuze ko biteze ko Israyeri ikingira abasivile, ikareka imfashanyo bakeneye zikabashikira.

Antony Blinken, yaravuganye, hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’amazinga ya Shipure, Ubwongereza, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, Katari, ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya, hamwe n’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu.

Baganiye iveyerekeye umuhora mushasha mw’ibahari Mediterane uzokoreshwa mu gikorwa co gushikana imfashanyo mu ntara ya Gaza. Blinken yavuze ko niyo uwo muhora washirwaho, uzofasha guha ibifungurwa, imiti, amazi n’izindi mfashanyo zikenewe mu buryo bwihutirwa, abantu bagera ku miliyoni 2 uko umusi utashe.

Igisirikare ca Amerika cararungitse ubwato mw’ibahari Mediterane gufasha gushiraho ikibanza ku nkengera z’intara ya Gaza kizokoreshwa n’ayandi makamyo atwaye imfashanyo. Yamara yatangaje ko guheraraheza ico kibanza bishobora gufata amezi abiri. (VOANEWS)