ONU Isaba Gambiya Guheba Itegeko ryo Gukata Uduce tw'Ibihimba vy'Irondoka vy'Abagore

Sudan FGM Ban

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba Gambiya guheba umugambi w’integuro y’itegeko risubirira iribuza gukata bimwe mu bihimba vy’irondoka bituma umukobwa/umugore aryoherwa n’imibonano mpuzabitsina.

ONU yavuze ko umugirwa wo gukata ivyo bihimba vy’irondoka ari ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikabije, n’ikibi kibishe, kigira ingaruka zirimwo izo mu mutwe ku wagikoreye.

Itegeko Gambiya iriko iragerageza gusubiriza, ni iryo mu 2015, ryaziriria uwo mugirwa.

Komiseri mukuru w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu yavuze ko ari ngombwa ko Gambiya isigasira intambwe yari yarateye mu vyo gukingira agateka k’umupfasoni, ikagumizaho itegeko ryo mu 2015 ribuza gukata uduce tumwe mu tugize ibihimba vy’irondoka vy’umugore.

Inama nshingamateka ya Gambiya yatanguye kwiga integuro y’itegeko rirekura ugukata ibihimba vy’irondoka ku bagore n’abakobwa ku munsi wa mbere. Ibikorwa vyo kurimbura ubugira kabiri iyo nteguro y’itegeko bizoba igenekerezo rya 18 uku kwezi kwa gatatu.

Ikigega ca ONU giharanira inyungu z’abana, UNICEF, muri raporo yaco, kivuga ko ibice 76% vy’abanyagambiyakazi bari hagati y’imyaka 15 na 49 bakaswe ibihimba vyabo vy’irondoka bibafasha kunyugwa n’imibonano mpuzabitsina, mu gihe ababikaswe bari hagati y’imyaka 15 na 19 ari ibice 75%.