Amerika Isaba Abanyagihugu Bayo Kuva muri Hayiti Vyihutirwa

Abajejwe umutekano wa Hayiti bahangana n'abiyerekana

Ibihugu bihana imbibe na Hayiti birimwo izinga rya Bahamas vyakomeje umutekano. Vyinshi muri ivyo bihugu, vyatanguye gutahukana abakozi bo mu buserukizi bwavyo muri Hayiti. Reta zunze ubumwe z’Amerika nayo, yasavye abanyagihugu bayo kuva muri Hayiti vyihutirwa.

Hayiti iri mu mudurumbanyo uvanze n’umutekano muke kuva ku munsi wa Mungu, umunsi inkozi z’ikibi zigaba igitero mu mabohero makuru yo ku murwa mukuru, Port-au Prince, babohoza abanyororo baharurwa mu bihumbi 3 n’amajana indwi. Abarenga 10 ni bo bamaze kumenyekana ko baguye muri ico gitero.

Mu gihe ikiringo c’amasaha ntarengwa yo kuba abantu bakiri mw’ibarabara, n’ikindi c'amasaha 72 c'amategeko agenga ibihugu biri mu ntambara Reta ya Hayiti yashinze ku munsi wa Mungu bikibandanya, imigwi y'inkozi z'ikibi muri Hayiti ikangisha ko ikigiye gukurikira ari ugufata igihugu.

Yasavye abavyeyi kugumiza abana mu mihana yabo, Reta nayo isaba ahubwo ko baja mu mashure. Iyo mirwi y’inkozi z’ibibi, isaba kandi ko umushikiranganji wa mbere, Ariel Henry, akomborwa bidatevye mu mabanga yiwe.

Imidurumbanyo ya Hayiti yiyongereye mu gihe Ariel Henry, yari muri Kenya gushirako umukono ku masezerano yemerera ingabo za Kenya kuyobora ibikorwa vy’umugambi w’ingabo mvamakungu zoza gutabara Hayiti.

Umuvugizi w’ubushikiraganji w’imigenderanire y’Amerika n’amakungu, yatangaje ko yizera ko Ariel Henry yasubiye muri Hayiti. Yagize ati: “ Twibaza ko yabikoze uko, kandi yahawe uburenganzira bwo gutaha, kuko ari ngombwa.”

Ibihugu bibanyi vya Hayiti birimwo République Dominicaine ntivyemeje niba vyemeye ko Ariel Henry akoresha inzira y’ibarabara mu gutahuka.Prezida wa République Dominicaine ico bikoze, yavuze ko atazokwemerera impunzi zo muri Hayiti kuza mu gihugu ciwe.

Ishami rya ONU rijejwe ivy’abimukira, OIM, rivuga ko mu misi itatu gusa abagera ku bihumbi 15, ari bo bamaze guhunga ubuguzi bwa nabi buvugwa ku murwa mukuru wa Hayiti, Port-au Prince.

Henry yagiye mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere wa Hayiti bidaciye mu matora inyuma y’igandagurwa rya prezida w’ico gihugu mu 2021. Inkozi z’ibibi n’abiyerekana bakomeje gusaba ko Henry atanga imihoho. Amaze kwegeza inyuma akatari gake amatora y’ico gihugu, avuga ko ari kubera ikibazo c’umutekano muke.

Amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye yategetswe guhagarika ibikorwa vyayo kubera ikibazo c’umutekano. Ejo ku wa mbere, ubuzima bwasa nk’ubwahagaze ku murwa mukuru, Port-au-Prince : Amashure, amabanki, n’iyindi mirimo nkoramutima irimwo iya Reta ntivyakoze. Amabarabara menshi yari yugaye, ayuguruye nayo arimwo umukwabu ukaze. (REUTERS)