Ubufaransa Bwemeje Uburenganzira bwo Gukorora Inda

Abashingamateka n’abakenguzamateka b’Ubufaransa uno munsi ku wa mbere, bemeje ko gukuramwo inda ku bushake vyandikwa mw’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu.

Uwo mugambi watowe ku bwinshi; 780 batoye ego, 72 batora oya. Reta ya Emmanuel Macron ni yo yari yasavye ko ibwirizwa nshingiro rihinduka kugira iyo ngingo ijemwo.

Ubufaransa bubaye igihugu ca mbere kw’isi kigiye kwandika mw’ibwirizwa nshingiro uburenganzira bwo gukorara inda ku bushake.

Yugurura ibiganiro mpaka kuri uwu mugambi, Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, Gabriel Attal, yavuze ko Ubufaransa bufitiye ideni ndangagatima ku bapfasoni bose bagendanye agahinda kubera kudashobora kuvanamwo inda bisanzuye.

Atal yavuze ko kubona umugambi wa Reta yiwe wemejwe, ari iteka ku Bufaransa, n’ubutumwa bukomeye mu makungu. Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron, nawe mu butumwa yanditse ku rubuga rwiwe rwa X, yavuze ko ari umunsi “wo kwigina uburenganzira bushasha bwinjiye mw’ibwirizwa nshingiro.”

Ekleziya Katorika, iri mu bamaze kuvuga ko badashigikiye uwo mugambi wo“kuburizamwo ubuzima bwa kiremwamuntu.”

Vatikano yasohoye itangazo rivuga ko kuzimanganya ubuzima bwa kiremwamuntu bitabwirijwe gufatwa nk’uburenganzira bw’ababikora.

Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko ibice 80% vy’abafaransa bari bashigikiye ko uwu mugambi wo kwandika mu mategeko uburenganzira bwo kuvanamwo inda. (AFP)