Amerika Yafatiye Ibihano Abategetsi ba Zimbabwe Barimwo Prezida Mnangagwa na Madamu Wiwe

Prezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano abantu 9 bo muri Zimbabwe barimwo Prezida w’ico gihugu, Emmerson Mnangagwa, umugore wiwe, Auxillia Mnangagwa, visi prezida wiwe, Constantino Chiwenga, umushikiranganji wo kwivuna abansi, uwujejwe iperereza rya Zimbabwe, na Patrick Chinamasa ajejwe ibigega vy’umugambwe Zanu PF uri ku butegetsi muri ico gihugu

Ibihano vya Amereika vyega n’amasosiyete atatu akorera mu vy’ubudandaji bwa Zimbabwe.

Amerika yagiriza abo yashize mu bihano, ihonyanga rikabije ry’agateka ka zina muntu, ibiturire, kunyuruza abantu no guhohotera kiremwa muntu ku rugero rukabije.

Ibihano vya Amerika kuri Zimbabwe, bifatira amazu yose y’abategetsi ba Zimbabwe ari ku butaka bwayo, bikongera bikaziririza n’ingendo zabo zose zitajanye n’ivy’akazi ku butaka bwayo.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe ikigega c’Amerika, Wally Adeyemo, yavuze ko ibihano bishasha Amerika ifatiye Zimbabwe, bigamije kwerekana ukuri k’umukenyuro Amerika yamanye.

Yagize ati: “ Dushatse kwerekana ko ibihano vyacu bitega abanyagihugu. Vyega abantu ku gatwe kabo; akarwi kegereye Prezida Mnangagwa gakora amabi atandukanye, n’abarwizatunga bagirizwa ibiturire no guhohotera abanyagihugu ba Zimbabwe.”

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, nawe yavuze ko ibihano bishasha biri muri politike ikarishe yo kudahanira mu kivunga. Blinken ati: “ Ibiturire, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ubwicanyi, ukunyuruza abantu muri Zimbabwe vyimonogoje.”

Prezida Emmerson Mnangagwa ni prezida wa kabiri agiye mu bihano vya Amerika: Uwo yakoreye mu ngata Robert Mugabe, nawe nyene yari mu bihano vya Amerika agitwara. Yari yabigiyemwo mu 2003, Amerika ikiramutswa George W. Bush.

Ntaco ubutegetsi bwa Zimbabwe buratangaza ku ngingo y’Amerika.