Uno munsi ku wa gatandatu, imyaka ibiri yarumanye umunsi ku yundi Uburusiya butanguye kugaba ibitero muri Ukraine.
Abashigikiye Ukraine ku mugabane wa Buraya bakoze imyiyerekano mu bihugu bitandukanye, birimwo Ubudagi, Ubwongereza, Ubufaransa.
Abiyerekana basaba ko ibihugu vyo mu burengero bishigikira Ukraine. Biyerekanye muri rusangi bafise amabendera ya Ukraine, n’ivyapa bisaba Prezida Vladimir Putin w’Uburusiya guhagarika intambara muri Ukraine. Bimwe muri ivyo vyapa vyari vyanditseko: “ Ha ibirwanisho Ukraine”.
Umukuru w’igisagara ca Berlin, umugwa mukuru w’Ubudagi, Kai Wegner, mw’ijambo yafashe, yiyamirije intambara yise iy’agasomborotso ka Putin agira ati: “ Ashaka kuzimanganya Ukraine. Ashaka kuzimanganya ubwoko bwa Ukraine, ariko ntituzovyemera”.
Abatunganije imyiyerekano y’i Berlin mu Budagi bavuze ko “yitabiriwe n’abantu bagera ku bihumbi 10.”
Mu Bwongereza abiyerekaniye ku murwa mukuru I Londres, bise Uburusiya igihugu gikora iterabwoba. Mu Bufaransa naho bavuze ko badashobora kuguma barorera intambara ataco bakoze.
No muri Polonye, igihugu cegeranye na Ukraine habereye imyiyerekano. Abiyerekanye barenga 1000, bayikoreye ahari ubuserukizi bw’Uburusiya muri ico gihugu: Bari bafise amabendera ya Ukraine, amazina ya bamwe mu bahitanywe n’intambara muri Ukraine, na zimwe mu nyubakwa za Ukraine zasambuwe n’ibitero vy’Uburusiya.
Ahandi habereye imyiyerekano yo gushigikira Ukraine, ni mu Butariyano, mu Bugiriki, muri Suwede no muri muri Irlande.
Naho abakoze imyiyerekano yo gushigikira Ukraine bari benshi, ibipimo vyerekana ko ibitigiri vy’abibaza ko Ukraine izotsinda Uburusiya biri hasi cane.
Ibipimo vyakorewe mu bihugu 12 bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya vyerekana ko ibice 10% vy’abanyaburaya ari bo bibaza ko Ukraine ishobora gutsinda Uburusiya, ibice 20% bibaza ko Uburusiya buzotsinda Ukraine, 37% nabo bakibaza ko intambara izohera ari uko habonetse amasezerano y’amahoro. (AP).