Umuvyeyi w'umunyepolitike atavuga rumwe n'Uburusiya, Alexei Navalny, yatangaje ko yabonye ikiziga c'umuhungu wiwe. Mu butumwa bwa videwo yasohoye, nyina wa Navalny yumvikanishije ko ubutegetsi bw'Uburusiya buriko bumukorako iterabwoba.
Lyudmila Navalnaya, muri ubwo butumwa bwa videwo yavuze ko inzego z’iperereza mu Burusiya zishaka gushingura umuhungu wiwe, Alexei Navalny, mu kibanza c’ibanga, kandi ata mihango yo kumuherekezanya iteka.
Lyudmila Navalnaya, asigura ko inyuma y’iminsi yari amaze yarimwe uruhusha rwo kubona umuhungu wiwe, ku munsi wa gatatu w’ino ndwi, yagiye mu buruhukiro bw’abapfuye, ahari ikiziga ca nyakwigendera, akakibona ariko bakanka kukirekura.
Yagize ati: “ Amategeko aratomora ko babwirizwa kumpa ikiziga ca Alexei. Ariko hakubikora, bariko bantera ubwoba, bantegeka aho abwirizwa gushingurwa, ryari yoshingurwa na gute yoshingurwa. Ibi, ntivyemewe n’amategeko.”
Muri iyo videwo yaciye ku rubuga rwa YouTube rw’Umuhisi Navalny, nyina yabandanije kuvuga ko ubutegetsi bw’Uburusiya bwipfuza gushingura umuhungu wiwe mw’ibanga, agira ati: “ Bashaka kuzontwara ahari imva, bakambwira bati: Aha, ni ho umuhungu wawe ashinguye. Ndavyiyamirije.”
Umuvyeyi wa Navalny nta do n’ido yatanze ku kungene yasanze ikiziga c’umuhungu wiwe kimeza. Gusa, ku rundi ruhande, umwe mu bakora amatohoza, atavuze amazina, yamubwiye y’uko umwanya uriko uramujana, kuko umubiri w’umuhungu wiwe uriko urabora.
Yemeza ko imbonankubone, yatewe ubwoba n’abamubwiye ko atihuse kwemera ko umuhungu wiwe ashingurwa mw’ibanga, bazomenya ico bakoza ikiziga ciwe. Ntaco ubutegetsi bw’Uburusiya buravuga ku bwoba n’igitutu Lyudmila Navalnaya, yemeza ko ariko araterwa.
Icegeranyo abaganga bahaye nyina wa Navalny, cemeza ko yahitanywe n’urupfu rusanzwe. Umuryango wa Alexei Navalny, n’izindi mpande zitandukanye yamara bavuga ko ata nkeka yishwe n’abategetsi b’Uburusiya. Ni ivyagiriji Uburusiya buhakana bwivuye inyuma.
Navalny atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya, yaguye mw’ibohero yarimwo igenekerezo rya 16 uku kwezi kwa kabiri. Yari mu gasho kuva mu 2021. Yakinjiyemwo akiva kwivuza mu Budagi ishano ryamuhakije. Iryo shano, akiriho yemeza ko yarihawe n’abategesti b’Uburusiya.
Mu bandi basavye ko umuryango womushingura uko uvyipfuza, harimwo ishengero ry’aba ortodoxe mu Burusiya, ryasohoye urwandiko rwashizweko umukono n’abantu barimwo abapadiri basaba ko ashingurwana iteka.
Hagati aho, itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, rivuga ko mu gihugu cose c’Uburusiya, kuva Navalny ashengera, abantu 800 bamaze gutabwa muri yompi bazira ko bariko baramwibuka.
Alexei Navalny yashengeye ku myaka 47. Umupfasoni yasize, yemeza ko urugamba rwiwe azorukomeza. (REUTERS)