Amerika Yafatiye Ibindi Bihano 500 Uburusiya

Ifoto ya prezida wa Amerika n'uw'Uburusiya

Amerika yafatiye Uburusiya ibihano bishasha. Vyose hamwe ni 500. Ivyo bihano bishasha vyega igisata c’ubutunzi, ic’amahinguriro y’ibirwanisho, aho Uburusiya buvana ibirwanisho, abagerageza kuburizamwo ibihano vy’Uburusiya, n’abagize uruhara bose mw’ipfungwa ry’umunyepolitike Alexei Navalny atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’ico gihugu aherutse kugwa mw’ibohero mu Burusiya.

Itangazo rya prezida wa Amerika, Joe Biden, rigira riti: “Ibi bihano bizokora ku buryo Prezida Vladimir Putin yishura ikiguzi kinini ku gasomborotso akorera amakungu, n’iburabuzwa akorera abari mu gihugu ciwe”.

Prezida w’Amerika muri iryo tangazo, yashimagije ico yise ubutwari bw’abanyagihugu ba Ukraine barwanira uburenganzira na kazoza kabo. Prezida Biden yishimiye kandi inguvu z’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero vyishinze kwivunira umwansi hamwe, OTAN.

Yasiguye ko mu gushigikira Ukraine, iryo shirahamwe ryerekanye ubumwe, rizokwama na ntaryo rifasha Ukraine kandi ritazohigimanga kurihisha Uburusiya amabi n’agasomborotso bukorera Ukraine.

Muri iryo tangazo kandi, Prezida Biden abandanya kuvuga ko ari ngombwa ko inama nshingamateka y’Amerika yemeza ayandi mafaranga yo gufashisha Ukraine, hatararengerana, kuko “ Ukraine ata birwanisho igifise”.

Amerika ifatiye Uburusiya ibindi bihano, mu gihe kuri uyu wa gatandatu, imyaka ibiri izoba irumanye Uburusiya butanguye kugaba ibitero muri Ukraine.

Ubumwe bwa Buraya nabwo nyene buri mu nzira yo gufatira ibihano bishasha Uburusiya. Ivyo bihano bizoba birimwo ukuziririza abantu n’amashirahamwe 200 yo mu Burusiya gukorana ubucuruzi n’ama sosiyete yo mu bumwe bwa Buraya.