Ibitero Isirayeri Yagavye muri Rafah Vyahitanye Abantu 97 Bisenyura Amazu Menshi

Amwe mu mazu yasenyuwe n'ibitero vya Isirayeri mu gisagara ca Rafah

Indege z’ingwano za Isirayeri zakoze ibitero mu gisagara ca Rafah, muri Palestina, bisenyura amazu atari make. Abahatuye bavuze ko baraye batagohetse kandi ko ata bitero bikomeye nk’ivyo bari bwabone.

Ivyo bitero vyabaye kandi mu gihe umukuru wa Hamas ari mu rugendo i Kayiro mu Misiri mu biganiro. Abanyagihugu bo muri Gaza bizeye ko bizotanga agahengwe, kazotuma ibitero bikomeye kuri ico gisagara, Isirayeri ifise umugambi wo gukora, bitaba.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza batangaje ko abantu 97 basize ubuzima muri ivyo bitero, mu gihe abandi 130 bakomeretse cane. Yamara hari n’abataratorwa bashobora kuba baguweko n’impome. Vyongeye, umusigiti uzwi cane, al- Farouk warasambuwe n’ivyo bitero.

Isirayeri yararahiye ko izokora ibitero simusiga mu ntara ya Gaza, naho amakungu arimwo igihugu bicuditse ca Amerika, yakomeje guhanura ko ibitero nk’ivyo bishobora guhitana abantu isinzi.

Ibiganiro vyo guhagarika ingwano ntaco vyavuyemwo mu ndwi iheze, inyuma y’aho Isirayeri yankiye umugambi w’agahengwe, wari washikirijwe na Hamas. Ni umugambi wasaba ko hoba agahengwe k’amezi ane n’inusu, koshikana impande zompi ku masezerano yo guhagarika ingwano.