Ubwongereza, kuri uyu wa kane, bwatangaje ibihano bishasha bishika kuri 50 bwafatiye Uburusiya. Bwafashe ivyo bihano mu ntumbero yo kwibuka imyaka ibiri irangiye Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine.
Iyo myaka ibiri izokwira neza ku itariki ya 24 y’uku kwezi kwa kabiri. Ivyo bihano Ubwongereza bwafatiye Uburusiya vyerekeye abantu n’amasosiyete umunani akora ibigwanisho, telefone n’imashine nyabwonko, abagurisha ubutare bw’umwakaka, n’ibitoro.
Ivyo bihano bigenewe kugabanya ibirwanisho no uhagarika amafranga Prezida Putin akoresha mu ngwano muri Ukraine, nk’uko bitangazwa n’ibiro vy’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubwongereza.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubwongereza, David Cameron, yatangaje ko ibi bihano bizotuma Uburusiya budashobora kubandanya ingwano muri Ukraine, avuga ko iciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.
Umushikiranganji Cameron yavuze ko amakungu akiri hamwe mu gushigikira Ukraine, imyaka ibiri inyuma y’uko ico gihugu gitewe n’Uburusiya. Yatangaje ko amakungu agiye hamwe, atazorekurira umutegetsi atwaza agahotoro gutsinda, kandi ko amakungu azobandanya gushigikira Ukraine, igihe cose bizofata, mu rugamba rwayo rwo guharanira intwaro ya demokrasi.
Gushika ubu, Ubwongereza buramaze gufatira ibihano Uburusiya abantu, amasosiyete n’amashirahamwe ashika ku 2.000 mu mugambi w’ibihano vyafatiwe Uburusiya. (AFP)