Amerika Iriko Iragerageza Kwumvikanisha Etiyopiya na Somaliya

Ahaherereye Somaliland

Amerika iriko iragerageza kwumvikanisha Etiyopiya na Somaliya. Icegera c’umunyamabanga wa reta y’Amerika, ajejwe ivy’umugabane wa Afurika, Molly Phee, avuga ko mu rugendo yahoramwo mw’ihembe rya Afurika, yagondoje abategetsi ba Somaliya na Etiyopiya abasaba gutorera umuti amatati ahuza ivyo bihugu.

Madamu Molly Phee, yabonaniye n’Umushikiranganji wa Mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, I Addis Abeba, mu nyuma aca yerekeza I Mogadiscio muri Somaliya kubonana na Prezida w’ico gihugu, Hassan Cheikh Mohamoud.

Uwo mutegetsi yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika yemereye izo ndongozi ubufasha bwotuma bicarana bakayaga.

Etiyopiya na Somaliya biriko bipfa amasezerano Etiyopiya iherutse kugirana na Somaliland.

Ayo masezerano, arimwo ko Somaliland iha Etiyopiya umuhora uyishikana kw’ibahari mu ntumbero yo kworoherwa mu vy’ubudandaji na gisirikare. Ubukote bw’uwo muhora uzoba ureha n’ibirometero bigera kuri 20 bwomara imyaka 50.

Mu gusubiriza mu ndumane Somaliland, Etiyopiya nayo ica yemera ko gushigikira Somaliland mu mugambi wayo wo kwiyonkora kuri Somaliya, kikaba igihugu cigenga, no kuyiha umutahe muri kompanyi y’indege yegukira Etiyopiya.

Somaliya ifata Somaliland nk’iyayo. Nta gihugu na kimwe kw’isi kiremeza Somaliland nk’igihugu cigenga.

Ku bwa Madamu Molly Phee, umugambi wa Etiyopiya wo kuronka uburenganzira kw’ibahari naho wumvikana, ubwirizwa guca mu biganiro ico gihugu cogirana na Somaliya.

Ku vy’uko naho Somaliland yokwikukira ikiba igihugu ataho gihuriye na Somaliya, Amerika isanga ari ikibazo kiraba abanyagihugu ba Somaliya, n’aba Somaliland. Ku bwa Amerika, nta rundi ruhande rundi rwo hanze rukwiye kwivanga mu vy’iki kibazo.