Marokoke Yahagaritse Abantu 141 Bagerageza Kuja mu Mazinga ya Canary

Igisirikare kirwanira mu mazi c'igihugu ca Maroke, catangaje ko cahagaritse abantu 141 bariko bagerageza kujabuka ibahari Atlantike bagana amazinga ya Canary. Ni mu gihe ibitigiri vy'abarondera gushika muri ayo mazinga baturutse mu karere ko muri Afrika yo mu burengero vyiyongeye kuva mu ntango z'uyu mwaka.

Inteko zigwanira mu mazi za Maroke, mw’itangazo ku musi w’Imana, zamenyesheje ko zashoboye gutabara abantu bose bari mu bwato bwari mu mazi y’ibahari Atlantike, hafi y’intara ya Sahara yo mu burengero.

Izo nteko zavuze ko abantu 141 bose batabawe bari baturutse mu karere ko muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara. Zatangaje ko bisa n’uko abo bantu bariko bagerageza gushika mu mazinga ya Canary yegukira igihugu ca Espanye.

Ni co gitigiri kinini c’abimukira bahagaritswe muri uyu mwaka. Umushikiranganji wa mbere wa Espanye yatangaje ko abimukira 11,704 bashitse mu mazinga ya Canary muri uyu mwaka. Biyongeye ibirenga incuro zitandatu umuntu abigereranije n’ibitigiri vy’abashitse muri ayo mazinga mu mwaka urangiye.

Benshi mu bashitse muri ayo mazinga baje bavuye muri Moritaniya, igihugu abimukira baturutse mu karere ko musi y’ubugrarwa bwa Sahara bakoresha mu gihe baba bariko bagerageza gushika mu mazinga aya Canary. (AFRICANEWS)