Amerika itewe impungenge n’imvururu yemeza ko zimonogoje mu buseruko bwa Kongo, na cane cane mu gisagara ca Sake kivugwamwo ingwano.
Mw’itangazo ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika bwasohoye ku muhingamo w’uno wa gatandatu, bwavuze ko izo mvururu ziriko ziterwa n’umurwi w’abarwanyi ba M23.
Amerika muri iryo tangazo idudurirako ivuga ko “uwo murwi wa M23 ushigikiwe n’u Rwanda”, kandi usanzwe uri mu bihano vyayo n’ivy’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU.
Iryo tangazo ribandanya kuvuga ko ingwano yatandukiriye igisagara ca Sake, yaje gusongera isibe imiriyoni n’imiriyoni z’abanyagihugu bari basanzwe bugarijwe n’ibindi bibazo birimwo ivy’agateka ka zina muntu, kuvanwa mu vyabo, n’ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho.
Itangazo rya Amerika risaba umurwi wa M23 guhagarika udatevye ingwano, abarwanyi bawo bakava mu birindiro vyo mu bisagara vya Goma na Sake nkuko amasezerano y’I Luanda n’I Nairobi abitegeka.
Amerika itera ivyatsi “ ubufasha u Rwanda ruha M23”, gutyo ikagirako isaba ico gihugu yemeza ko gishigikiye M23, kuvana abasirikare baco bose ku butaka bwa Kongo, no kwimura ibikoresho vyose vyaco vya misile “bishobora gushira mu kaga abasivile, ONU, abakorera mu gisata c’ubutabazi, n’indege z’ubudandaji zikorera mu buseruko bwa Kongo.”
Amerika yibutsa kandi ko ari ngombwa ko ibihugu vyose vyubahana mu bwigenge bwavyo, bikanashengeza abagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu mu buseruko bwa Kongo.
Itangazo rya Amerika rinasaba reta ya Kongo guhagarika gukorana n’umurwi wa FDLR, urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda. Uwo murwi ku bwa Amerika ushobora gushira mu kaga abasivile.
Amerika isozera itangazo ryayo ihamagarira impande zose gufata inzira y’ibiganiro, yongera yemera gushigikira utwigoro twose twa kidiplomasiya dushobora gushikana ku muti w’amatati ya Kongo.