Amakungu afise Impungenge ku Mutekano w’Abanyepalestina Bari Rafah

Amahema y'impunzi z'Abanyapalestina

Ibiganiro vy’ukuntu amasezerano y’umwumvikano hagati ya Israyeli na Hamas, azogenda, bigiye gusubira gukomeza kuri uno musi wa kabiri naho ibitero vya Israyeli bibandanya kwica abagwanyi batari bake muri Gaza.

Ibyo biganiro bitegekanijwe mu gihe Isirayeri ivuga ko igisirikare cayo cishe abagwanyi benshi cane mu karere ko hagati no mu bumanuko bwa Gaza.

Ivyo biganiro bizobera ku mugwa mukuru was Misiri, Kayiro, bizoba birimwo abategetsi bakomeye bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Misiri, Isirayeri na Katari.

Bije bikwirikira ibindi byabaye mu kwezi guheze, aho abategetsi bemeranije ko hagiye gufatwa ingingo yo guhagarikwa intambara ivyagateganyo, hamwe n’irekurwa za bamwe mu mbohe zafashwe n’abagwanyi ba Hamas.

Ivyo Hamas yasavye mu nama ziherutse, Isirayeri ntiyavyemeye. Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yavuze ko naho ivyipfuzo vya Hamas bitemewe ico gihe, hari hakiriho akaryo ko kubandanya ibiganiro.

Umurwi Hamas wiswe na Amerika ko ari umugwi w’iterabwoba, uracafise abantu wagize imbohe bashika kw’ijana. Ni inyuma y’aho abandi bashika ijana barekuwe mu mwumvikano wo guhagarika intambara ivyagateganyo, mu kwezi kwa 11.

Igisirikare ca Isirayeri kivuga ko abantu 31 bari baragizwe imbohe bapfiriye mu minwe ya Hamas.

Ivyo biganiro bishasha bije inyuma y’aho amakungu afise impungenge ku mutekano w’Abanyepalestina bo muri Gaza, cane cane mu karere ka Rafah hafi y’umupaka na Misiri.