Igipolisi muri Republika ya Demokrasi ya Kongo, kuri uyu wa mbere, carashe imyuka ibabaza mu maso ku bari mu myiyerekano baturiye amapine y'imodoka n'amabendera ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ububiligi, hafi ya za ambasade z'ibihugu vyo mu burengero bw'isi, n'ibiro vy'ishirahamwe ONU ku murwa mukuru, Kinshasa.
Naho ingingo zerekeye umutekano zari zakomejwe inyuma y’uko abakozi hamwe n’imodoka z’ishirahamnwe ONU batewe ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, abari mu myiyerekano barakoraniye imbere y’inyubakwa za ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ububiligi hamwe n’ibiro vy’inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU muri Kongo zizwi kw’izina rya MONUSCO.
Abari mu myiyerekano batangaje ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi bishigikiye u Rwanda ruhana urubibe na Kongo. U Rwanda rwagirizwa ko rushigikiye abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23.
Abarwanyi b’uwo murwi, bariko batera bagira intambwe mu bitero vyabo vyo kwigarurira zimwe mu ntara zo mu buseruko bwa Kongo, barageramiye igisagara gifise akamaro gakomeye ca Goma.
Abategetsi ba Reta ya Kongo n’ab’amareta y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, harimwo Amerika n’Ububiligi, hamwe n’abagize umurwi w’abahinga b’ishirahamwe ONU bavuga ko umurwi M23 ushigikiwe na Reta y’u Rwanda. Yamara u Rwanda rurahakana ivyo birego.
Icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Kongo hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’ico gihugu, Christophe Lutundula, barabonaye n’abategetsi baserukira ibihugu vyabo i Kinshasa ku musi w’Imana urangiye. Batangaje ko ingingo zerekeye umutekano zizofatwa kugira ambasade zabo, zikingirwe. (REUTERS)