Itorokanirizo ry’amakuru AFP ryatangaje ko hari raporo ya ONU ikigizwe ibanga ivuga ko imirwi y’"igisirikare c’u Rwanda ishigikiye abagwanyi ba M23 yateye igikoho ca misile mu buseruko bwa Congo."
Iyo raporo ya ONU ivuga ko ku musi wa kabiri w’indwi iheze “misile” ikekwa kuba ari iyi gisirikare c’u Rwanda” yatewe ku ndege ya ONU itagira umudereva. Ico gitero carahushije iyo ndege ya drone yari ijejwe kugenduza akarere.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP rivuga ko iyo raporo yerekana kandi ko amatohoza y’iperereza ry’Ubufaransa yemeza ko iyo misile ari iy’igihugu c’u Rwanda.
AFP ivuga kandi ko iyo raporo irimwo amasanamu abiri yafatiwe mu kirere yerekana ikimodoka kinini co mu ngwano, hejuru yaco gifise ibyuma vya radar n’ikigwanisho gitera misile.
Ayo masanamu yafatiwe ku birometero 70 mu buraruko bw’igisagara ca Goma, muri teritwari ya Rutchuru, aho bivugwa cane imfashanyo ya gisirikare y’umurwi urwanya ubutegetsi bwa Kongo, M23 iva mu gihugu c’u Rwanda. Yamara u Rwanda rurahakana ivyo birego.
Muri izo raporo z’ibanga, ibiro vya ONU bijejwe umutekano muri Congo bivuga ko bitari bwigere bitangaza imirwi y’abagwanyi muri ako karere ifise ubumenyi, canke ubushobozi bwo gukoresha ubwo bwoko bwa misile.
Gushika ubu, ONU canke igisirikare ca Congo ntibiragira ico bivuze kuri ico gitero cakozwe ku musi wa kabiri w’indwi iheze.