Mali Ntizorindira Umwaka Mbere yo Kuva muri CEDEAO

Mali ntizokwubahiriza amategeko ayisaba kuba iragumye mw'ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, imbere yo gukinjura burundu muri iryo shirahamwe.

Amategeko agenga CEDEAO, atomora ko igihugu cose kiri muri iryo shirahamwe cipfuje gukinjura, bigisaba kurindira umwaka umwe kugira kirivemwo, uhereye kw’itariki catangiyeko ikete rimenyesha ko kitakiri umunyamuryango.

Ibihugu vya Mali, Burkina Faso na Nijeri vyamenyesheje CEDEAO ko bivuye muri iryo shirahamwe kw’igenekerezo rya 29, ry’ukwezi kwa mbere kw’uno mwaka. Ibi bihugu bikurikije amategeko ya CEDEAO, vyokinjura burundu mu kwezi kwa mbere ko mu mwaka uza igenekerezo rya 29.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Mali n’ayandi makungu, bwanditse buvuga ko CEDEAO yahonyanze amategeko ayigenga mu kwugarirako imbibe Mali, gutyo ico gihugu na co atari ngombwa ko cubahiriza ingingo ya 91, itegeka ko ata gihugu kiva muri iryo shirahamwe, kitaramara umwaka kimenyesheje ko gikinjuye.

Itangazo rya reta ya Mali, ribandanya rivuga ko CEDEAO hari n’ayandi mategeko yahonyanze, atotuma Mali irindira.

Ntaco ishirahamwe rya CEDEAO riratangaza ku ngingo ya Mali. Ibihugu vya Burkina Faso na Nijeri na vyo nyene ntibiravuga nimba bizokwubahiriza ingingo ya 91, canke bitazoyubahiriza. Bitegekanijwe ko ejo ku wa gatatu, inzego nyobozi za CEDEAO zihura, zikavugana kuri iki kibazo.

CEDEAO isigayemwo ibihugu 12. Burkina Faso, Mali na Nijeri, vyakinjuye inyuma y’ibihano biremereye CEDEAO yabifatiye kubera za kudeta zabaye muri ivyo bihugu.