Zambiya: Edgar Lungu Yahoze ari Prezida Yasavye Itunganywa ry'Amatora

Edgar Lungu yahoze ari prezida wa Zambiya

Edgar Lungu, yahoze ari Prezida wa Zambiya yasavye ko haba amatora imbere y'igihe muri ico gihugu cari carategekanijwe.

Avugana n’abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, Edgar Lungu, yaratangaje ko Abanyazambiya boterezwa kuremera Prezida Hakainde Hichilema, kugira yemere ko ari ngonbwa ko amatora y’imbere y’igihe aba mu gihugu.

Lungu yagirije Prezida Hichilema ko yananiwe kuzamura ubutunzi bw’igihugu. Yamwagirije kandi ko yananiwe mu gikorwa co kurwanya ikiza ca Kolera cahitanye ubuzima bw’abantu bagera ku 600 kuva mu kwezi kw’icumi kw’umwaka urangiye w’i 2023.

Edgar Lungu yavuze ko hamwe Abanyagihugu bosaba ko Prezida Hichilema atanga imihoho, amatora y’imbere y’igihe yoba ari yo inzira yo gufata. Yamara yavuze ko ako kamo koturuka mu banyagihugu. Umuvugizi wa Reta, Cornelius Mweetwa, yaciye yishura buno nyene ku vyatangajwe na Lungu.

Yarateye ivyatsi ibirego vyiwe. Yasavye Abanyazambiya guha Prezida Hichilema umwanya uhagije kugira ashire mu ngiro ivyo yabemereye igihe yariko ariyamamaza. Uyu muvugizi kandi yaragirije Lungu ko yatumye ubutunzi bw’igihugu buzamba mu kiringo c’imyaka 6 yamaze ku butegetsi. (BBC)