Abanya-Israyeri bari mu myiyerekano kuri uyu wa kane, bazibiye imfashanyo yari igenewe gufasha abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza, bayibuza kurengana.
Imyiyerekano yadutse hafi y’ikivuko gikomeye co muri Isirayeri. Abari muri iyo myiyerekano bazibiye imfashanyo yari igenewe abanyagihugu mu ntara ya Gaza. Abantu batari bake bari mu myiyerekano bicaye ku rwinjiriro w’ikivuko co mu gisagara ca Ashdod, barasuzuma iyo imizigo yari mu makamyo.
Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryasavye Isirayeri kurekurira imfashanyo zigenewe Abanyapalestina baba mu ntara ya Gaza kurengana ziciye ku kivuko co mu gisagara va Ashdod.
Si ubwa mbere imyiyerekano nk’iyo iba. Ku musi w’Imana urangiye, abari mu myiyerekano barugaye ikibanza co kwinjirira mu ntara ya Gaza ca Karam Abu Salem. Iyo myiyerekano yarabujije amakamyo atwaye imfashanyo kwinjira mu ntara ya Gaza ubugira kane.
Ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, ari mu bushikiranganji bujejwe kwivuna abansi. Yavuze ko gushika ku migambi igihugu cishinze mu ngwano muri Gaza. ari ibintu bitoshoboka, imfashanyo zigenewe iyo ntara zidatanzwe.
Abategetsi b’ishirahamwe ONU, batangaje ko abantu bagera ku 250.000 kuri miliyoni 2 n’ibihumbi 300 baba mu ntara ya Gaza bageramiwe n’ikigoyi. Batangaje ko ababa muri iyo ntara bakeneye vyihutirwa imfashanyo mu gihe ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas ihabandanya. (AFRICANEWS)