Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Lloyd Austin, ku musi wa mbere, yaragarutse ku mirimo yiwe mu bushikiranganji bwiwe.
Hari inyuma y'uko atabonetse ku kazi mu kiringo kigera ku kwezi kubera kanseri ifata kimwe mu bice vy'irondoka vy'umugabo bita Prostate mu rurimi rw'igifransa.
Umushikiranganji Austin, yaragiranye ibiganiro n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN, Jens Stoltenberg.
Loyd Austin agira ati "Muri iki gihe gihambaye, ndanezerejwe no kuba nagarutse ku mirimo yanje mu bushikiranganji njejwe. Numva meze neza, amagara yanje ariko atera amera neza kurushiriza. Ndashimira abantu bose banyifurije kuronka mitende ningoga."
Ubwa nyuma umushikiranganji Austin, yaserutse aho akorera mu nyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi hari kw’italiki 21 y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2023.
Abaganga baramupimye basanga afise indwa ya Kanseri ya kimwe mu bice vy’irondoka vy’umugabo.
Hari mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’umwaka urangiye. Yaciye aja mu bitaro kugira yibagishe. Yabwiye Prezida Joe Biden n’abandi bategetsi bakomeye ivyerekeye indwara abaganga basanze afise, inyuma y’uko amaze igihe kirenga indwi mu bitaro.
Kuba atamenyesheje abakuru biwe ivyerekeye indwara yiwe mu maguru masha, vyatumye ingingo abakozi ba reta bagenderako zihindurwa.