Ubutaliyano n'Afrika Bararondera Inyishu ku Kibazo c'Abimukira

Inama ihuza Afrika n'Ubutaliyano yabereye i Roma

Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano, Giorgia Meloni, kuri uyu wa mbere, yasavye ugukorana gushasha hagati y'igihugu ciwe n'umugabane wa Afrika. Yarashikirije umugambi wari umaze igihe urindiwe ugenewe gukomeza imigenderansire mu vy'ubutunzi, amasoko ntanganguvu hamwe no guhagarika abimukira baza ku mugabane w'Ubulaya bavuye muri Afrika.

Mu vyo yashikirije mu nama y’umusi umwe umwe, yabaye kuri uyu wa mbere, Meloni yarashikirije imigambi itari mike, akaba yemeye gutanga mu ntango imiliyaridi 5 n’ibihumbi 500 y’amadolari. Meloni yatangaje ko bemerako kugirana imigenderanire mishasha n’umugabane wa Afrika hamwe no gukorana nk’abangana ari ibintu bishoboka. Hari mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura inama n’abategetsi barenga cumi bo ku mugabane wa Afrika n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya,

Yamara, imigambi Meloni yashikirije ntiyakiranywe n’igishika kinshi na bamwe mu bari bitavye inama. Moussa Faki Mahamat, ayoboye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, yatangaje ko yari kuba yashimye ko abategetsi b’umugabane wa Afrika bagishwa inama ubwa mbere. Ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giorgia Meloni, Moussa Faki Mahamat yavuze ko igihe kigeze c’uko amajambo yama yavuzwe ashirwa mu bikorwa. Yavuze ko badashobora kubandanya bashimishwa n’imihango itangwa yama kenshi idashirwa mu bikorwa.

Muri rusangi, ibihugu 45 vyo ku mugabane wa Afrika vyari vyaserukiwe n’abategetsi batandukanye. (Reuters)