Hayiti isaba amakungu kwihutisha umugambi wo kurungika abasirikare baja gufasha ico gihugu guhangana n’abagizi ba nabi.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Hayiti, Jean Victor Geneus, yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ko abanyagihugu b’igihugu ciwe babuze ayo bacira n’ayo bamira.
Yagize ati: “ Imyaka hafi ibiri igiye guhera nama nza ngaha kubabwira ikibazo c’umutekano w’igihugu cacu. Uko iminsi yitera, ni ko ubugizi bwa nabi buba ndanse.
Jean Victor Geneus abandanya gusigura ko kazoza ka Hayiti kari hagati y’urupfu n’ubuzima, gutyo agasaba ONU gushira mu ngiro umugambi wo kurungika abasirikare bayo.
Akanama ka ONU kemeje ingingo yo kuzorungika abasirikare muri Hayiti mu kwezi kwa cumi ko mu mwaka uheze. Ibikorwa vyo kurungika abo basirikare yamara biracari mu nteguro.
Kenya yiyemeje kuyobora uwo mugambi, igirako yemera kuzorungika abapolisi 1000. Ibindi bihugu bimaze kwemera kuzorungika ingabo muri Hayiti ni Bahamas, Jamaica, aAntigua na Barbuda.
Amerika yavuze ko ata basirikare izorungika muri Hayiti. Yaremeye ariko kuzoterera imiriyoni 200 z’amadorali, no kuzotanga ibikoresho vya gisirikare.
Abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho bagwiriye ku murwa mukuru wa Hayiti, Port-au-Prince, batanguye gukwirakwira ibindi bice vy’ico gihugu. Barica, bakanyuruza abantu, bakiba, bakongera bagafata ku nguvu abapfasoni n’abigeme. Ibi bibazo biza vyiyongera ku nzara yugarije abagera ku miriyoni zitanu muri ico gihugu.
Mu mwaka uheze, abishwe n’abo bagizi ba nabi barenga ibihumbi 5000, abakomerekejwe n’ivyo bitero bakarenga 1400, abanyurujwe barenga 3000. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Hayiti n’amakungu avuga ko ibi bitigiri bishobora kuba birenga.