Igisirikare ca Somaliya kivuga ko cishe n’imiburiburi abarwanyi b’aba al-shabab 20.
Ubushikiranganji bw’umutekano muri Somaliya butangaza ko ingabo za Somaliya zifatanije na mvamakungu zagavye igitero c’indege mu bibanza bitandukanye vy’igisagara citwa Galhareri, aho intagondwa za al-shabab zikorera ibirwanisho bitandukanye. Igisagara ca Galhareri kiri ku birometero 450 vy’umurwa mukuru Mogadishu.
Ingabo za Somaliya ku mugoroba w'uno munsi ku wa gatatu, zagavye kandi igitero kw’iradiyo yitwa Andalus, ifatwa nk’iy’abarwanyi ba al-shabab, zisambura inzu abarwanyi ba al-shabab bariko bakoreramwo inama, n’inzu bateguriramwo imiduga bategako ibisasu vy’amabombe.
Abajejwe umutekano muri Somlaiya ntibigeze batomora igihugu abasirikare mvamakungu bafatikanije na Somaliya muri ivyo bitero bakomokamwo. Igisata gihuriyemwo abasirikare b’Amerika n’abandi ba Afurika muri Somaliya ariko, muri kahise caragavye ibitero nk’ibi ku busabe bwa reta ya Somaliya.
Mu ndwi iheze, igitero cagabwe na drone y’Amerika cahitanye aba al-shabab 3 muri Somaliya. Abajejwe umutekano batashimye ko amazina yabo atanagzwa, babwiye servise y’igisomali kw’Ijwi ry’Amerika ko na Turukiya ihora ifasha Somaliya kugaba ibitero ku barwanyi ba al-shabab.