ONU Isaba ko Abasiviri mu Ntara ya Gaza Bakingirwa

Umutegetsi akomeye w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuri uyu wa kane, yasavye ko ingingo zose zifatwa mu ntumbero yo gukingira abasivile mu ntara ya Gaza.

Ni inyuma y'uko ibisasu vyarashwe mu kibanza c'ishirahamwe ONU kirimwo Abanyapalestina ibihumbi n'ibihumbi bavuye mu vyabo bihitanye abantu batari musi ya 12.

Thomas White, umuyobozi w’ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe gufasha impunzi z’Abanyapalestina, UNRWA, ajejwe ibibazo vyo mu ntara ya Gaza, yatangaje ko uko ibintu vyifashe mu gisagara ca Khan Younis, kiri mu bumanuko bwa Gaza, aho ico gitero cabereye vyerekana ukubandanya kutubahiriza amategeko ngenderwako yo gukingira abanyagihugu.

White yatangaje ko ibitero bibandanya gukorwa mu bibanza birimwo abasivile mu gisagara ca Khan Younis bidakwiriye kwihanganirwa, ko kubera izo mvo bitegerezwa guhagarara bidatevye.

Thomas White, yavuze ko abantu babandanya kwicwa, abandi bagakomereka. Yatangaje ko mu gihe ingwano itera yiyongera hafi y’ibitaro n’ibibanza vyakiye abavuye mu vyabo. Yatangaje ko abantu bafatiwe muri ivyo bibanza, mu gihe ibikorwa vyo kubatabara bigeramirwa n’ibitero bibandanya mu ntara ya Gaza. White, yatangaje ko igitero cakozwe ku musi wa gatatu mu kibanza c’ishirahamwe ONU, cakomerekeje abantu batari musi ya 75.

Igisirikare ca Isirayeri catangaje ko kitemera ko ico gitero cakozwe n’inteko zaco. Yamara camenyesheje ko itohoza ku vyabaye ririko riraba. Catangaje kandi ko akarere ka Khan Younis ari ikibanza gikomeye abarwanyi b’umurwi Hamas bakoreramwo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yashigikiye bikomeye Israyeri mu ngwano irimwo n’umurwi Hamas, yariyamirije igitero co ku musi wa gatatu cahitanye abasivile. Ubushikiranganji bujejwe iumigenderanire bwa Amerika bwavuze ko bwiyamirije ico gitero cakozwe mu kibanza c’ishirahamwe ONU cakiye Abanyapalestina bavuye mu vyabo. (VOANEWS)