Ghana: Batandatu Bagirizwa Guhakwa Gutembagaza Ubutegetsi Baciriwe urwo Gupfa

Muri Ghana, abantu batandatu bagirizwa guhakwa guhirika ubutegetsi mu 2021, baciriwe urubanza rwo kwicwa bamanitswe. Abo batandatu, barimwo abasirikare batatu. Bompi barahakana ivyagiriji vyose begekwako.

Sentare nkuru yafashe ino ngingo, ivuga ko ifise ivyemezo birimwo n’ibiyago vy’amaterefone vyerekana uruhara rwabo mu guhakwa guhirika ubutegetsi. Bagiriwe n’icaha co guhemukira igihugu ku rwego rwo hejuru.

Victor Adawudu, umwe mu baburanira abagiriwe n’icaha, yavuze ko ikigiye gukurikira ari ukwitura sentare ntahinyuzwa ya Ghana.

Muri ino dosiye, ubutungane bwambitse izera umwe mu bari abakuru ba polisi mu 2021, Benjamin Agordzo, Samuel Kodzo Gameli afise ipete rya koloneli mu gisirikare, na Seidu Abubakar, umu ofisiye afise ipete rya kaporari.

Abejejwe bashimye aho intahe yashize, bavuga ko bahimbawe no gutunganirizwa, kandi atakundi vyari kugenda kuko ku bwabo bari baremetswe inkono ishushe.

Umucamanza mukuru yasomye urubanza yavuze ko ingingo ubutungane bwafashe ishemeye, agirako yibutsa ko ibwirizwa shingiro rya Ghana ritegekanya igihano c’urupfu ku wagiriwe n’icaha co guhemukira igihugu ku rwego rwo hejuru.

Urubanza rwo guhemukira igihugu muri Ghana rwaheruka gucibwa mu 1963, igihe prezida wa mbere yatowe biciye muri demokarasi, Kwame Nkrumah, yavanwa ku butegetsi.

Ubwa nyuma naho umunyororo yanyonzwe inyuma yo gucirwa urwo gupfa muri Ghana, hari mu 1992. (AFP)