Umumenyereza mukuru w'umurwi nserukiragihugu wa Kotedivuwari, Jean-Louis Gasset, yirukanywe mu mabanga yiwe.
Ivyo naho ico gihugu kigifise amahirwe yo kwunguruza muri kimwe c'umunani c'igikombe c'umupira w'amaguuru c'ibihugu vyo muri Afrika iriko irakira muri iki gihe.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Kotedivuwari, kuri uyu wa gatatu, ryatangaje ko rifuse amasezerano ryari ryagiranye n’umufransa, Jean-Louis Gasset, hamwe n’icegera ciwe.
Iryo shirahamwe ryabagirije ko batafashije umurwi nserukiragihugu kuvyifatamwo neza hisunzwe amasezerano bari bagiranye naryo.
Emerse Fae yahoze ari umukinyi akina hagati mu kibuga w’umurwi nserukiragihugu wa Kotedivuwari niwe bitegekanijwe ko ayobora umurwi nserukiragihugu vy’agateganyo.
Si umumenyereza mukuru w’umurwi nserukiragihugu wa Kotedivuwarie wenyene yirukanywe mu mabanga yiwe, muri iki gihe gikombe c’ibihugu vya Afrika kiriko kiraba.
Ku musi wa kabiri w’iyi ndwi ku mumenyereza mukuru w’umurwi nserikiragihugu wa Ghana, Chris Hughton yatanze imihoho inyuma y’uko Ghana ivuye kare muri ico gikombe. .
Ghana yatsinzwe n’amazinga ya Cap Vert, mu rukino rwa mbere mu murwi B. mu nyuma yaho ntiyashoboye gutsinda ibihugu vya Mozambike na Misiri. Muri izo nkino zompi yarangije ifise ibitsindo bibiri kuri bibiri. Ikaba yaronse muri rusangi amanuta abiri gusa.
Gushika ubu umirwi ikomakomeye imaze kuva mu gikombe c’ibihugu vya Afrika, uretse Ghana hari n’igihugu ca Algeriya casezeye muri iryo higanwa.
Umumenyereza mukuru wawo Djamel Belmadi, yabwiye abakinyi biwe ku musi wa kabiri w’iyi ndwi ko asezeye mu mabanga yiwe.
Hari inyuma y’uko Aljeriya itsinzwe na Moritaniya igitsindo ku busa, mu murwi D. Aljeriya ivuye kare mu gikombe c’ibihugu vya Afrika incuro zibiri yikwirikiranya.