Reta y’Uburundi ivuga ko yatangajwe n’ivyagirizo bitagira ishingiro kandi vy’ibinyoma reta y’u Rwanda yegetse kuri Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye.
Reta y’u Rwanda yashikirije ivyo birego mw’itangazo yasohoye ku musi wa mbere. Kubwa Reta y’u Rwanda, Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yakoresheje “amajambo aturira, acanishamwo kandi atandukanye n’amahame ngenderwako y’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika”.
Mw’itangazo yasohoye, kuri uyu wa kabiri, Reta y’u Burundi yiyamirije ivyo birego yavuze ko bifatiye ku makuru y’ibinyoma yashikirijwe n’abakorera propagande u Rwanda.
Yabwiye Abarundi n’abanyamahanga ko ivyo birego ari igikorwa c’abantu bafise intumbero mbi yo gukwiragiza amakuru y’ibinyoma ku vyatangaje na Prezida Evariste Ndayishimiye, mu kubivuga uko bitari.
Iryo tanganzo rivuga ko Prezida Evariste Ndayishimiye, imboneza y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku bijanye n’urwaruka, amahoro n’umutekano, igihe yishura ku mpungenge yashikirijwe z’uko urwaruka rwo mu Rwanda rutazokwitaba inama zo mu karere, yafashe ingingo yo gutegura ibiganiro bigenewe urwaruka.
"Ni bwo yateye akamo ko ivyo biganiro atawe vyokumira bifatiye ku mugambi wiwe wo gushira imbere iterambere ry’urwaruka ku mugabane wa Afrika."
Reta y’Uburundi yatangaje ko ibirego vy’u Rwanda ari propagande y’ico gihugu ifise intumbero yo gusamaza Abanyarwanda n’amakungu mu ntumbero yo guhisha ikibazo nyakuri hagati y’u Rwanda n’Uburundi.
Iryo tangazo ribandanya rivuga ko Uburundi busubiye kwemeza ko bushigikiye ukutivanga mu bibazo vy’ibindi bihugu igihe cose ibintu bibaye nk’uko, ku biyerekeye.
Yavuze ko naho yakoze idahengeshanya mu twigoro twerekeye ibiganiro kuva mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2020, ibabajwe n’uko reta y’u Rwanda itigeze yubahiriza ivyo yari yemeye vyo kuyishikiriza abakoze kudeta yo mu mwaka w’i 2015, bakoresha umurwi RED Tabara, ivuga ko ari umurwi w’iterabwoba udahagarika guhekura Uburundi.
Mw’intangazo ryayo, Reta y’Uburundi ivuga ko iyo nyifato ya Reta y’u Rwanda irenga ku mategeko ngenderwako y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, hamwe n’amasezerano y’amahoro, umutekano no gufashanya ku vyerekeye Republika ya demokrasis ya Kongo hamwe n’akarere.
Reta y’Uburundi iributsa ko umurwi RED Tabara wemeye ko ari wo wakoze ubwicanyi ku banyagihugu ataco bazira, ivuga ko benshi muri bo bari abapfasoni n’abana i Kabarore, Ruhagarika na Gatumba, hamwe n’ibitero vy’amagrenade mu bibanza abantu bakoraniramwo nk’amasoko n’ibibanza bafatiramwo amabisi.
Vyongeye, Reta y’Uburundi yatangaje ko yiyamirije igikorwa co kwinjiza impunzi zo mw’ikambi ya Mahama iri mu Rwanda mu murwi RED Tabara. Ivuga ko uwo murwi ukora ubifashijwemwo na Reta y’u Rwanda.
Reta y’Uburundi yatangaje ko amakungu ari icabona ku bikorwa vy’agasomborotso reta y’u Rwanda yakoze incuro zitari nke ku Burundi, mu biciye kubiri n’inyifato yo kubana neza.
Yavuze ko irindiye ko Reta y’u Rwanda iyirungikira abakoze kudeta yo mu mwaka w’i 2015, bashigikiye umurwi Red Tabara. Imenyesha ko ku ntwaro ya Prezida Evariste Ndayishimiye, Reta y’Uburundi isubiye kwemeza ko itazohengeshanya gukora mu nzira y’amahoro n’umutekano w’akarere.
Kuva ku musi wa mbere, Ijwi ry’Amerika twari twakomeje kugerageza kuvugisha abategetsi b’Uburundi ku bijyanye no gusigura bisumbye ibyatangajwe na Prezida Evariste Ndayishimiye, ariko ntitwababona. Reta y’u Rwanda kimara gushira ahabona itangazo ryayo, na bwo twashatse abategetsi ba Reta y’Uburundi, ntibasubiza telefoni zacu.