Akanama kajejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro rya Senegali kashize ahabona urutonde rwa nyuma rw’abakandida bemerewe kwiyamamaza mu matora ya prezida w’ico gihugu.
Urutonde ntabanduka rw’abemerewe guhiganira intebe ya prezida muri Senegali ruriko abakandinda 20. Ni ubwa mbere mu mateka ya Senegali, abantu bangana gutyo bagiye guhiganira gutwara ico gihugu.
Ousmane Sonko, umwe mu banyepolitike baza imbere mu batavuga rumwe na reta ntari kuri urwo rutonde. Sonko yakumiriwe, ari mu mvuto.
Yatawe muri yompi mu kwezi kwa kane ko mu mwaka uheze. Bimwe mu vyaha yagirizwa birimwo gutuka ubutungane n’abategetsi ba Senegali biciye mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook.
Ivyaha vyose yagirizwa arabihakana. Avuga ko ata kindi bigamije atari ukumubuza kwitoza mu kibanza ca prezida wa Senegali.
Mu 2019, Sonko yaje ubwa gatatu mu baronse amajwi menshi mu matora ya prezida.
Sonko afatwa nk’uwuza imbere mu batavuga rumwe na reta, yasubirijwe uwitwa Bassirou Diomaye Diakhar Faye.
Uwundi mu batisanze kuri urwo rutonde, ni Karim Wade, umuhungu wa Abdoulaye Wade yahoze ari prezida wa Senegali.
Igihe se yarri ku butegetsi, Karim Wade yarigeze kuba umushikiranganji. Akanama kajejwe kubahiriza ibwirizwa mshingiro, kamuvanye ku rutonde rw’abakandinda mu matora yimirije, “ kubera afise ubwenegihugu bubiri: Ubwa Senegali n’ubw’Ubufaransa.”
Abicishije ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Karim yateye utwatsi ingingo y’ako kanama, avuga ko iteye isoni, kandi ihonyanga demokarasi.
Ibwirizwa nshingiro rya Senegali riratomora ko uwemererwa kwitoza nka prezida w’ico gihugu ategerezwa kuba afise imyaka iri hagati ya 35 na 75. Abwirizwa kandi kuba afise ubwenegihugu bwa Senegali bwo nyene. Aha ni naho Wade ahera avuga ko yarenganijwe kuko ku bwiwe, ubwenegihugu bw’Ubufaransa yabusubije.
Mu bemerewe guhiganira intebe ya prezida wa Senegali, harimwo umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Amadou Ba. Uyu munyepolitike, yagenywe na prezida Macky Sall, kugira azomusubirire. Macky Sall mu kwezi kw’indwi ko mu mwaka uheze ni ho yatangaje ko atazokwiyamamariza manda ya gatatu.
Abandi bari ku rutonde rw’abemerewe kwitoza ni Idrissa Seck na Mahammed Boun Abdallah Dionne, bigeze kuba abashikiranganji ba mbere ba Senegali, hamwe na Dakar Khalifa Sall yahoze ari umukuru w’igisagara ca Dakar.
Amatoran ya prezida wa Senegali ategekanijwe igenekerezo rya 5 z’ukwezi kuza kwa kabiri.