ONU Irondera Imiriyaridi 4 n’Ibihumbi 200 vy’Amadorali yo Gufasha Ukraine

Hamwe mu harara impunzi za Ukraine

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririkorirondera imiliyaridi 4 n'ibihumbi 200 vy’amadorali agenewe gufasha abanya-Ukraine bari mu gihugu n'abavuye mu vyabo, bari hanze y'ico gihugu muri uyu mwaka.

Hafi ya bitatu vya kane vy’iyo mfashanyo, ni ukuvuga imiriyari 3 n’ibihumbi 100 y’madolari agenewe gufasha abantu bagera ku miliyoni 8 n’ibuhumbi 500 bari hagati mu gihugu. Ayandi umuliyaridi n’ibihumbi100 w’amadolari ugenewe impunzi n’ibihugu vyazakiriye hanze ya Ukraine.

Ibitero Uburusiya buherutse gukora muri Ukraine vyerekanye ugusinzikara gukomeye cane kw’abanyagihugu mu ngwano. Igihe c’ubukanye muri iki gihe kiriko gitera congereza igikorwa nkenerwa c’ukuronsa imfashanyo abasinzikaye.

Ishirahamwe ONU ryatangaje ko abanyagihugu baba mu bisagara biri ahabera ingwano muri Ukraine ataburyo bwo kwibeshaho bagifise, ko bahanze amasoimfashanyo kugira babandanye kubaho. ONU ryavuze ko abantu imiliyoni 14 n’ibihumbi 600 muri Ukraine bakeneye imfashanyo,q mu gihe abandibagera ku miliyoni 6 n’ibihumbi 300 bahunze igihe, bakaba bakiri impunzi. Ni inyuma y’imyaka igera kuri2 irangiye, Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine.

Martin Griffiths, umutegetsi mukuru w’ishirahamweONU ajejwe ivyerekeye imfashanyo, yatangaje koabana ibihumbi amajana n’amajana baba mu bice biriababera ingwano muri Ukraine. Yavuze ko batekewen’ubwoba, bahahamutse kandi badafise ibintu vyankenerwa, kandi ko ivyo bisaba ko bakora ivyobashobora vyose kugira bongereze imfashanyo bahaUkraiine. (AP)