Nijeriya Yatanguje Ihinguriro ry’Ibitoro rya Mbere mu Bunini muri Afurika

Nigeria Oil Refinery

Ihinguriro ry’ibitoro rikomeye kandi rya mbere mu bunini muri Afrika ryatanguye ibikorwa vyaryo muri Nijeriya

Kuri uno musi wa mbere abahinga bavuga ko iryo hinguriro rigiye guteza imbere ako karere kahora gakoresha ibitoro bivuye hanze.

Iryo hinguriro rifise agaciro kangana n’imiriyaridi 19 z’amadolari y’amanyamerika. Rifise ubushobozi bwo guhingura ibitoro vyo mu bwoko bwa mazutu hamwe n’ibikoreshwa mu ndenge, bingana n’ingunguru ibihumbi 650 ku musi.

Ivyo vyatanganjwe n’iryo hinguriro ryitwa Dangote Pretoleum Refinery ku musi wa gatandatu. Ribayeihinguriro rya mbere ry’ibitoro ryigenga muri Nijeriya, igihugu ca mbere muri Afrika gifise ibitoro vyinshi,ariko kigurira mu mahanga amazutu n’ibindi bintu bikoreshwa na yo.

Igisata c’ico gihugu co guhingura ibitoro cari komaze imyaka itari mike kidakora neza kandi ibigo vyari bisanzwe bihingura ibitoro muri Nijeriya ntivyimba ibitoro bihagije. Iri hinguriro ni iry’umugwizatunga wo muri Nijeriya witwa Aliko Dangote ufite imyaka 66 y’amavuko. (AP)